EAC : Umugambi w’ugutwarira imiduga i bubamfu ntuhurizwako na bose

Yanditswe na IGIHE
Kuya 29 Munyonyo 2016 saa 09:56
Yasomwe : 21483
0 0

Ibihugu bitandatu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) vyananiwe kwumvikana ku cipfuzo co guhuza ibijanye n’ikoreshwa ry’amabarabara, cane cane uruhande rwo gutwariramwo imiduga.
Muri iryo shirahamwe, ibijanye no gutwara imiduga ntibivugwa kumwe, kuko Uburundi n’Urwanda arivyo bihugu vyo muri iryo shirahamwe bitwarira imiduga ku ruhande rw’i buryo, mu gihe ibindi bihugu nka Tanzania, Uganda, Kenya na Sudani y’Epfo bitwarira ku ruhande rw’i bubamfu.
Ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda (...)

Ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda vyasabwe navyo ko vyohindura ruhande rwo gutwariramwo imiduga, ariko ivyo bihugu bikaba vyariyamirije ico cipfuzo casabwe n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.

Ibihugu vya Tanzania, Kenya na Uganda bitwarira imiduga i bubamfu, nk’uko ivyo bihugu vyabisigiwe n’Abongereza babikoronije. Aho ni mu gihe Uburundi n’Urwanda ari ibihugu bibandanya gutwarira imiduga i buryo.

Abatwara imiduga mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bavuga ko nk’iyo bavuye mu Burundi canke mu Rwanda, bakaja muri Tanzania bisanga bariko batwarira imodoka mu kuboko kutarikwo.

Kumenyekanisha

1
FELIX MUHIRE 2-12-2016 à 18:06

Uwu mushingantahe yitwa Nduwayo afise amaso abona kure, ntazogora abaganga ngo bamwandikire amarore! Mwebwe har’aho mwabonye handitswe Ubufaransa canke Ububirigi mur’iyo nkuru?

2
Emile 2-12-2016 à 08:55

Sudani y’epfo itwarira imiduga I buryo

3
nduwayo 29-11-2016 à 10:13

Mwihenze abafaransa ntaco badusigiye kuko ntibadukoronije . Ico nzi nuko twakoronijwe nababirigi. Be mwandika musashizemwo ama sentinents

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha