IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC yasabwe kugira ico ishikirije ku rupfu rw’umukuru w’igihugu Sipiriyano (...)

EAC yasabwe kugira ico ishikirije ku rupfu rw’umukuru w’igihugu Sipiriyano NTARYAMIRA

vendredi 23 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’inama y’iminsi ibiri yahuje abagize inama nkuru y’umutekano w’Uburundi barongowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, itangazo ryasomwe na Général Silas NTIGURIRWA, umunyamabanga ntayegeyezwa mu nama nkuru y’umutekano, risaba ko Abarundi bomenyeshwa ukuri ku rupfu rw’umukuru w’igihugu yari abarongoye gushika kuwa 6 Ndamukiza 1994 aguye i Kanombe mu gihugu c’Urwanda.

Muri iryo tangazo, inama nkuru y’umutekano w’Uburundi iragaruka ku migenderanire itari myiza hagati y’Uburundi n’Urwanda, Uburundi bukamenyesha ko bwamaze gushikiriza ibirego mw’ishirahamwe CIRGL, mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko. Uburundi busaba izo nzego zitatu zo zova mu gacerere kuvyo Uburundi bwagiriza Urwanda.

JPEG - 124.2 ko
Général Silas NTIGURIRWA, umunyamabanga ntayegeyezwa w’inama nkuru y’umutekano

Inama nkuru y’umutekano isaba ibihugu vyose vyahaye ubuhungiro abantu bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi, ko bobarungika mu Burundi, kugira ubutungane bubacire imanza.

Ku kibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi, inama nkuru y’umutekano isaba umuhuza Benjamin William MKAPA ko yokwishikira mu Burundi akibonera ko umutekano wagarautse. Umuhuza MKAPA yasabwe ko ivyo biganiro vyotahukanwa mu Burundi, bikabandaniriza mu murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro (CNDI : Commission Nationale de Dialogue Inter burundais(CNDI).

Abagize inama nkuru y’umutekano bamenyesha kandi ko bashima ko imirwi y’abagizi ba nabi yatujijwe kugera ku rugero rw’ibice 80 kw’ijana, bagasaba abajejwe umutekano ko bokwama bagavye.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uyo mugabo mbona ari intwari gurtyo ko atokwishikira mu bihugu abo bashatse gusenyura ubutegetsi barimwo kugira abafate?

  • Nagira bari kuyisaba umuco kugituma imbonerakure ziheruka kugandagura inzirakarengane mu Rwanda kurubibe bihana na Cibitoke iwabo wiyo mbonerakure yasomye iryo tangazo! Nibareke kudusamaza! bazopfa bangara

  • Mbe uyu niwe bita binwa bisesa isupu?

  • mureke gusamaza abanyagihugu.politic nukubeshya koko!!!murebye ibibazo byuruhuri u burundi bufise koko iyicwa rya ntaryamira ariryo ryaza kumwanya wambere muvyigwa?ese EAC yo yabakundira? ivyo kwiga bibangamiye u burundi nivyinshi cane ico ntamwanya cabona,

  • Biteye isoni kabisa, n’urupfu rwa President Ndadaye ivyarwo ntibirasobanuka kandi yarishwe n’abarundi ubwabo none murabaza ivya Ntaryamira? nimureke guta umwanya kuko hari vyinshi vyihutirwa gusumba ivyo murimwo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.