IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard NDUWIMANA : "Abahuza nibo bari bakwiye guhabwa igikorwa c’ugutora (...)

Edouard NDUWIMANA : "Abahuza nibo bari bakwiye guhabwa igikorwa c’ugutora inyishu z’amatati"

jeudi 6 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA avuga ko abahuza bo muri Afrika bahuriye mu nama mu gisagara ca Bujumbura, mu ntumbero y’ukurabira hamwe uruhara rwabo mu gukinga amatatu hamwe n’ukuyatorera inyishu. Kubw’umuhuza w’Abarundi, ibikorwa vy’abahuza ntivyari bikwiye kugarukira mu bihugu vyabo gusa.

"Nk’uko mubizi kw’isi hariho amatati, ariko iyo hageze kuyatorera inyishu bikora ku bahoze ari abakuru b’ibihugu canke abahoze ari abashikiranganji ba mbere kandi muri ivyo bihugu n’ahandi hari abahuza. N’abo bahabwa gutora inyishu z’amatati ugasanga ari abanyeporitike."

Umuhuza Edouard NDUWIMANA avuga ko yipfuza ko urwego rw’abahuza rwogira uruhara rukomeye kugira ahabaye amatati bahabwe igikorwa ubwa mbere c’ukwumvikanisha impande zitavuga rumwe canke zishamiranye.

"Dusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe ko hageze gutora umuti w’ibibazo kw’isi ko bokwikora ku rwego rw’abahuza."

Umuhuza w’Abarundi amenyesha ko ari akarusho gakomeye kubona iyo nama yabereye mu Burundi kuko abayitavye aribo bazovuga neza Uburundi nibasubira mu bihugu vyabo n’ahandi, aho agashikiriza ko ivyo bazoshikiriza ari ukuri bazoba biboneye gutandukanye n’ivyo yita ibinyoma vy’abacapfuza Uburundi.

Urwego rw’umuhuza mu Burundi rwashizeho mu mwaka w’2010, ariko umuhuza wa mbere w’Abarundi akaba yatanguye amabanga ashinzwe mu mwaka w’2011. Umuhuza wa mbere w’Uburundi yabaye Mohamed RUKARA wo mu mugambwe CNDD FDD yahejeje ikiringo ciwe c’imyaka itandatu. Yasubirijwe na Edouard NDUWIMANA nawe nyene wo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, yari asanzwe ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka imbere y’uko agenwa n’umukuru w’igihugu, yongera yemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi. Ku kibazo c’ukumenya namba umuhuza akomoka mu mugambwe uri ku butegetsi yoshobora kwumvikanisha abafitaniye amatati na Reta, akabikora ataho ahengamiye, Edouard NDUWIMANA arahumuriza.

"Iyo umaze gutorwa uramenya ko akazi utorewe kaba gatandukanye n’umugambwe uba wavuyemwo. Igikuru ni ukumenya ko amabanga watorewe afise amategeko n’amabwirizwa wisunga mukuyarangura. Nta makenga abantu bogira kuko iyo umaze gutorwa wisunga akarangamutima k’uko ivyo ukora ataba ari ivy’umugambwe."

Inama mpuzamakungu y’abahuza bo muri Afrika bahurikiye mw’ishirahamwe AOMA (Association des Ombudsmans et Mediateurs d’Afrique) yatunganijwe ku civugo : "Amahoro hamwe n’uruhara rw’abahuza mu gukomeza amahoro hamwe n’ugukinga amatati kw’isi."

Ibihugu bitandatu nivyo vyitavye iyo nama mpuzamakungu, ivyo navyo akaba ari Uburundi bwayitunganije, Ethiopie, Soudan, Angola, Tchad, hamwe na Afrika y’epfo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • AMAHORO BANAKUBAHWA TUBASHIMIYE IBIKOGWAVYIZA MUGIYE GUKORA IMANA IBAJIMBERE.......... ICO NASHAKA KUUVUGA NIKI UBURUNDI BWAMYE ARIBWIZA BWAMYE BUGIGWA BUBI NABANTU BATEREKWA IBIKOGWA BABAZWA NABAKORA KUKO IYOBUNGUKA UMENGA NTIBIBANEZERA MUBAHANURE KUKO AMASE YUMYE ADAHOMA URUTARO MURAKOZE NIJEWE NYABENDA MANWERI BATAZIRA BIZOZA MUYINGA MUYINGA RUGARI MWURIRE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.