Edouard NDUWIMANA ari i Dar Es Salaam kubonana na Benjamin William MKAPA

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Nyakanga 2017 saa 09:21
Yasomwe : 23238
0 0

Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA ari muri Tanzaniya, mu gisagara ca Dar Es Salaam kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017, akaba yagiye kubonana na William MKAPA, umwunganizi w’umuhuza mu matati y’Abarundi.

Edouard NDUWIMANA yakiriwe na Benjamin William MKAPA kuri uwu wa kabiri. Mu biro vy’umuhuza w’Abarundi bamenyesha ko Edouard NDUWIMANA yitavye ubutumire bwa MKAPA, muvyo baganiriye hakaba harimwo uruhara rudasanzwe rw’umuhuza w’Abarundi mu guhuza abatavuga rumwe muri poritike n’imibano.

Edouard NDUWIMANA atahuka mu Burundi ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, akaba ariho tuza kubashikiriza vyinshi mu vyavuye muri uwo mubonano wabereye i Dar Es Salaam.

Uwo mubonano ubaye mu gihe intumwa z’umuhuza MKAPA zaheruka mu rugendo mu Burundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha