Ekereziya Gaturika y’Uburundi iratewe ubwoba n’ivyoshika mu gihe ibiganiro bitoba

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 10 Nyakanga 2017 saa 12:47
Yasomwe : 33102
0 0

Ekereziya Gaturika y’Uburundi iratewe ubwoba n’ibishobora gushikira Uburundi mu gihe ibiganiro bihuza Abarundi bitotunganwa vuba kugira ibibazo n’indyane za poritike biri mu Burundi bitorerwe inyishu.

Mw’itangazo Abungere ba Ekereziya Gaturika basohoye kuri uwu w’Imana, bamenyesheje ko mu gihe abegwa n’ibibazo vya poritike batoja hamwe mu biganiro, ibintu bishobora kwononekara gusumba uko biri.

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE yasomye iryo tangazo aravuga ibishobora kwononekara.

"Nk’icerekeye Demokarasi n’ingene tuyitahura, icerekeye ukwubahiriza ubuzima bwa muntu n’agateka kiwe, ineza ya bose, ugutunganya inzego ata n’umwe akumiriwe, icerekeye ugutahukana impunzi, icerekeye kazoza k’urwaruka, icerekeye ubukene bubandanya kwugariza abanyagihugu, n’icerekeye ubucuti n’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu."

JPEG - 46.7 ko
Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umukuru w’inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi

Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi bavuga ko ibiganiro bihuza Abarundi vyabereye mu gihugu hagati ataco vyashitseko, kuko indinganizo yavyo itahumurije bose.

Izo ndongozi za Ekereziya Gaturika zigira ziti : "Ko hategekanijwe ibiganiro vyobera aho n’abari hanze bashobora kworoherwa kuvyitaba, birakwiye ko abo vyega bose bavyitaba kugira ngo batorere hamwe inyishu ibereye amananiza ya Poritike turimwo."

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umukuru w’inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi asaba ko abazokwitaba ivyo biganiro bokwicarira ibibazo nyamukuru bimaze gushirwa ahabona n’abarongoye ivyo biganiro.

"Nk’icerekeye isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro kirakwiye kwicarirwa kigatorerwa inyishu, bisunze intumbero y’amasezerano y’i Arusha."


Kumenyekanisha

1
Kazungu Benjame 14-09-2017 à 03:07

Murabarongozi babushitse mutazikunyumunwa, kanatsinda ninacogituma mwitwa, abakozi batowe n’Imana, abakera nibo bayamaze ngukuri ntikunyegezwa, ngokandi gucamuziko ntigusha,
Nimugerageze muze muraruta nubwo mubwira intumva.

2
Sisonga 12-09-2017 à 13:47

ABUNGERE BARAHANURA. IRYO JAMBO RYARI RIKWIRIYE GUKOREGWAKO. HARYA BASERUKIRA ABANTU BENSHI NTIBASUNITSWE N’UMUYAGA GUSA.
EHE NYABUNA UWOFASHA IVYO BAVUZE BIKAJA MUNGIRO YOBA AFASHIJE IGIHUGU CACU.

3
kabura jean 11-09-2017 à 08:31

Biragoye gutahura,uri uwihebeye Imana kirazira kwarekana aho uhangamiye muvya politique
suko batanga impanuro

4
nephtalie 10-09-2017 à 17:55

aba bungere ba Ekereziya Gaturika barakwiye kuvavanura n’ibibazo vya politique bagakurikirana ivy’idini.Bikuye mumurwi utegura amatora ya 2015, amatora acaraba kumugaragaro.Nnon’ubunaho barerekanye aho bahagaze ngo ibwirizwa shingiro ngo ryisunge amasezerano y’i Arusha.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha