Accueil > Amakuru > u Burundi > Ekreziya Gaturika mu Burundi yerekanye aho ihagaze ku mafaranga asabwa (...)
Ekreziya Gaturika mu Burundi yerekanye aho ihagaze ku mafaranga asabwa y’intererano y’amatora
mercredi 11 Ndamukiza 2018, par
Inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi ivuga ko yabonye ko mu batererejwe harimwo amashengero. Ekereziya Gaturika y’Uburundi ivuga ko yashimye gushikiriza aho ihagaze.
Mw’itangazo ryasomwe na Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi, Ekereziya Gaturika y’Uburundi yabanje kumenyesha ko intererano yayo nkuru mu gihugu atari iy’amafaranga, mugabo ari iyo kwubaka imitima, n’ukuremesha amahoro n’umwimvikano, hamwe n’iyo gufasha kugira umuntu wese yubahirizwe mw’iteka ryiwe yiherewe n’Imana.

Ku vyerekeye intererano y’amafaranga iriko irasabwa bose harimwo n’amashengero, Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE avuga ko ari ngombwa ko abantu bose bamenya ko intererano y’amafaranga iyariyo yose isabwa Ekereziya Gaturika ata handi yosabwa atari muri Diyoseze, kuko ariho hari uwuyiserukira imbere y’amategeko ariwe Mwepiskopi.
Mw’itunganwa rya Ekereziya Gaturika mu Burundi, hari ibigo vyinshi bikukira Ekereziya Gaturika, amaparuwasi, ibigo vy’abihebeye Imana, amashure, amarerero y’impfuvyi n’abagendana ubumuga canke abageze muza bukuru. Inama nkuru y’abepisikopi ivuga ko muri ico gihe igisata cose kitoheza ngo gisabwe intererano, ahubwo ko haterera gusa Diyoseze ivyo bisata vyegukira, naho nyene abagize inama nkuru y’abepisikopi bakazobanza gukorana kugira bahurize ku gitigiri c’intererano yotangwa na Diyozese imwe yose mu zigize igihugu c’Uburundi.
Musenyeri NTAHONDEREYE avuga ati : "Turasavye ko atawoza kugora izindi nzego n’ibigo bitandukanye vyegukiye Ekereziya Gaturika."
Ekereziya ntishigikiye ko intererano isabwa ku gahato
Ekereziya Gaturika y’Uburundi imenyesha ariko ko idashimishwa n’abahohoterwa bazira ko batatanze intererano, bagasaba ko ababijejwe bobanza gutomora uburyo bw’amafaranga bukenewe mu matora, kugira umwe wese aterere uko ashoboye mu buryo bwiwe.
"Hari abantu baturubikwa, bagahatirwa guterera kabiri, gatatu kandi benshi ata mikoro manini bafise."
Tubibutse ko ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta buheruka kumenyesha ko amafaranga y’amatora amaze gutozwa gushika ubu agera hafi ku miriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana abiri mu mafaranga y’amarundi.
Mu murwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora naho bamenyesha ariko ko igitigiri c’amafaranga yose hamwe azokoreshwa mu matora kitaramenyekana, ariko ko mu minsi ya vuba ico gitigiri kizoshikirizwa.
Mu kiganiro cahuje abavugizi b’inzego zose za Reta cabereye mu ntara ya Gitega kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI yagize ati : "Mu minsi iza tuzobabwira ibiharuro vy’ifatiro vy’amatora yo mu 2020, uko amafaranga azoba angana. Mw’iyinga rimwe canke amayinga abiri ico gitigiri tuzoba twakimenye, tuzoca tukibashikiriza."
- Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI
Iryo tangazo rya Ekereziya Gaturika y’Uburundi ryasohotse kuri uwu wa kabiri ryateweko umukono na :
Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi
Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, Umwepisikopi mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura, akaba n’icegera c’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi
Musenyeri Simoni NTAMWANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Gitega
Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA, Umwepisikopi yagenwe kuba Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, akaba n’Umwungere arongoye Diyoseze ya Ngozi kw’izina rya Papa Fransisko
Musenyeri venasi BACINONI, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Bururi
Musenyeri Bonaventure NAHIMANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Rutana
Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Ruyigi
Musenyeri Georges BIZIMANA, Umwepisikopi-Samurarwa wa Diyoseze ya Bubanza
Egide NDUWIMANA
Messages
11 Ndamukiza 2018, 20:46, par clément manirakiza
NIBATERERE AMATORA NIVYIZA. KOMERA BASENYERI BACU
11 Ndamukiza 2018, 20:49, par clément manirakiza
NIBATERERE AMATORA NIVYIZA. KOMERA BASENYERI BACU
11 Ndamukiza 2018, 21:25, par Silas
Ewe ntahondereye,jembona naparuwase yoterera kukoharizo,usanga,zifise ubutunzi kuko,nigikorwa,catwese
13 Ndamukiza 2018, 09:57, par NKURUNZIZA
intererano y’amatora si agahato ni ubushake bw’umuntu,kandi bamenye yuko nayo matora adashigikiwe na bose
13 Ndamukiza 2018, 21:46, par AKIMANA
GUTERERA AMATORA NIVYIZA CANE
16 Ndamukiza 2018, 14:21, par Pasco
Nama Paruwase Naterere,kuko Nayonyene Ahabaye Kubera Abenegihugu Bari Mumahoro,kuko Barimbura Hama Bakimburira Paruwase.Kubwivyo Umukiristu Ntiyotanga Hama Paruwase Canke Ishure Ntiritange Kandi Isorosoro Irwirira Iyiroye.
10 Ruheshi 2018, 12:20, par Mr ( x ) BURUNDI
Guterera amatora nivyiza cane ,ahubwo mwese nimuterere riko,kuko amatora nayabarundi bose!!!