Eloge Willy KANEZA yashikirijwe agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Peter Mackler

Yanditswe na IGIHE
Kuya 14 octobre 2016 saa 01:58
Yasomwe : 26910
0 0

Umumenyeshamakuru Eloge Willy KANEZA yahora akorera insamirizi BONESHA FM ubu akaba akorera IJWI RYA AMERIKA i Bujumbura yashikirijwe agashimwe mpuzamakungu gahabwa umumenyeshamakuru yagize umwete n’ubuhinga kurusha abandi mu mwuga w’ukumenyesha amakuru. Ibirori vy’ukumushikiriza ako gashimwe vyabereye i Washington, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, mu nyubakwa za "National Press Club".
Ako gashimwe kahawe Eloge Willy KANEZA muri uwu mwaka w’2016 kitiriwe Peter Mackler, uwo nawe akaba ari (...)

Umumenyeshamakuru Eloge Willy KANEZA yahora akorera insamirizi BONESHA FM ubu akaba akorera IJWI RYA AMERIKA i Bujumbura yashikirijwe agashimwe mpuzamakungu gahabwa umumenyeshamakuru yagize umwete n’ubuhinga kurusha abandi mu mwuga w’ukumenyesha amakuru. Ibirori vy’ukumushikiriza ako gashimwe vyabereye i Washington, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, mu nyubakwa za "National Press Club".

Ako gashimwe kahawe Eloge Willy KANEZA muri uwu mwaka w’2016 kitiriwe Peter Mackler, uwo nawe akaba ari umumenyeshamakuru yahora arongoye itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubufaransa (AFP) muri Amerika, akaba yitavye Imana giturumbuka mu mwaka w’2008.

Uwo Peter Mackler yarakoreye kandi ibimenyeshamakuru bitandukanye kw’isi, ndetse akaba yaranditse n’ibitabu bitandukanye.

Ako gashimwe katanguye gutangwa mu mwaka w’2008, kagatangwa uko umwaka utashe ku mumenyeshamakuru yarushije abandi mu gukorana umwete n’ubuhinga.

Eloge Willy KANEZA w’imyaka 34 asanzwe kandi ari mu batanguje SOS Médias Burundi, ihuriro ry’abamenyeshamakuru b’Abarundi bagiye hamwe kugira batange amakuru yizewe kandi yatohojwe, inyuma y’iturirwa ry’amaradiyo ryakurikiye ugushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Ahejeje guhabwa ako gashimwe, yamenyesheje ko bamuteye intege mu bikorwa vyiwe, hamwe na bagenzi we b’abamenyeshamakuru. Eloge Willy KANEZA yashikirije ko ako gashimwe ari umwizero ko Uburundi buzokira ibikomere bufise.


Kumenyekanisha

1
john ntwari 22-06-2017 à 05:26

Akomerezaho

2
Samuel 19-10-2016 à 15:19

Niyereke Akarorero Nabandi

3
leonard 18-10-2016 à 20:25

Niyirambire yaranze mubih bitarivyorosh

4
ERIZE 16-10-2016 à 11:36

TURA MWIPFURIJE AMAHIGWE NKAYO TUNAMUPENDASANA MWANBIYE KAZINIKAZI

5
Benoit 15-10-2016 à 10:44

Nakomerez’aho Kand Ahe N’akarorero Abandi

6
Morodikayi Jon 14-10-2016 à 21:18

Nakomere kwibanga, nokurushaho kugirumwete nagasumbako Imana izokamuha.

7
Claude 14-10-2016 à 20:59

Kuki Batogaha Nkezabahizi We Yapfuy Kubwumwuga Wiw Sha Turabahinyuy Namwe Mukorera Sinarede Kuko Ntamuntu Acafuza Aho Avka Yoninahazwa Iyaba Yavugira I Bujumbura

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha