FP-CIRGL : Uburundi bwatanze uwuzokwitoza kuba umunyamabanga mukuru

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 décembre 2017 saa 10:01
Yasomwe : 16965
0 0

Ihuriro ry’amanama Nshingamateka y’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko riri mu nama isanzwe kuva kuw’Imana igenekerezo rya 3 gushika kurya 9 Kigarama 2017 ku murwa mukuru w’igihugu ca Centre Afrique. Mu bizokwigwa, harimwo gutora umunyamabanga mukuru w’iryo huriro, Uburundi bukaba bwaratanze uwuzobuserukira muri ayo matora.

Nkuko biri mw’itangazo ry’Inama Nshingamateka y’Uburundi, umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA niwe yagiye arongoye intumwa zaserukiye Uburundi muri iyo nama isanzwe igira umunani.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umuvugizi w’Inama Nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, bamenyesha ko ibizokwigwa muri iyo nama ari kandi, kwihweza no guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’uko intwaro n’umutekano, hamwe no gutabara imbabare vyifashe mu karere k’ibiyaga binini,kwemeza ivyegereanyo vyakozwe inyuma y’ingendo zakozwe n’bashingamateka mu bihugu bigize akarere k’ibiyaga binini, hamwe no kwerekana no guhanahana ivyiyumviro k’uruhara rw’abashingamateka mu kurwanya igiturire.

Muri iyo nama kandi kazoba n’akaryo ko gushinga isango n’ikibanza bizoberamwo inama isanzwe igira 9 ihuza amanama Nshingamateka yo mu karere k’ibiyaga binini FP-CIRGL.

Umukuru w’Inama Nshingamateka akazoronka akaryo ko kubonana n’abazoba bitavye iyo nama, mu ntumbero yo kuganira ku bucuti n’ugufashanya hagati y’Inama Nshingamateka y’Uburundi n’zindi nama Nshingamateka zo mu karere k’ibiyaga binini.


Kumenyekanisha

1
Busurahende 4-12-2017 à 12:47

Uwo mugabo yageze hiyo ryari ko uko ndamuheruka i Nairobi yari amerewe nabi cane ? Abashonji nibo batwara igihugu nico kituma ivyerekeye iterambere utobabaza.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha