Accueil > Amakuru > u Burundi > Francine NIYONSABA yashitse i Bujumbura mu karuhuko
Francine NIYONSABA yashitse i Bujumbura mu karuhuko
vendredi 1er Nyakanga 2017, par
Francine NIYONSABA yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura igihe c’isaha zitatu n’iminota cumi n’itanu, akaba yakiriwe n’abavyeyi biwe, uwuserukira igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, abaserukiye ubushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama, hamwe n’abaserukiye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi.

Uwo munonotsi rurangiranwa yabwiye umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE yari yagiye kumutegera ku kibuga c’indege ca Bujumbura ko aje mu karuhuko inyuma y’amahiganwa mpuzamakungu amazemwo iminsi ku mugabane wa Buraya.
Francine NIYONSABA avuga ko anezerejwe n’ukuba aje mu karuhuko mu gihugu c’Uburundi amavukiro yiwe, agashimira umuryango wiwe, abakunzi biwe hamwe n’abandi bose babandanya kumushigikira mu bikorwa vyiwe bituma ibendera ry’Uburundi rihungabana mu makungu.



Egide NDUWIMANA
Messages
1er Nyakanga 2017, 15:34, par nephtalie
Ndakeje uyo munonotsi w’umurundikazi kw’iteka rikomeye cane amaze gutera Uburundi.Tumusabiye kugira akaruhuko keza. Nkaboneraho no gukebura n’abandi barundikazi kumwegera kugira abahugure bikomeye mubijanye n’ubunonotsi.Francine turikumwe namwe turabashigikiye.
1er Nyakanga 2017, 18:02, par Keza Gislene
Abarundi twese turagukunda