Accueil > Amakuru > u Burundi > "Francine Niyonsaba : Imboneza mu runganwe rwiwe"
"Francine Niyonsaba : Imboneza mu runganwe rwiwe"
mercredi 28 Ntwarante 2018, par
Mu butumwa yacishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ati : "Twamukeje ku mudari w’inzahabu aheruka gutahukana. Ni iteka ku muryango wiwe n’igihugu cose. Imana imuje imbere, ashishikare kubera akarorero urundi rwaruka."

Umurundikazi Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’ugusiganwa ku metero amajana umunani ryabereye mu gihugu c’Ubwongereza, mu gisagara ca Birmingham.
Mu gutahukana iyo ntsinzi, Francine NIYONSABA yenuriye abo bari kumwe, aheza ku mwanya w’umunota umwe, n’amasegonga 58 (1min58sec31).
Yakurikiwe n’umunyamerikazi Ajee Wilson (1min58sec99), mu kibanza ca gatatu naho hakaba haje umwongereza Shelayna Oskan-Clarke (1min59sec81).

Egide NDUWIMANA
Messages
29 Ntwarante 2018, 16:14, par Busurahende
Umurundikazi ni uwahe muri abo bantu babiri ko mbona umengo ni cene na cene?