Freddy MBONIMPA aragabisha abajejwe intwaro bakorana n’abadandaza imiti ya magendu

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 9 juin 2017 saa 12:31
Yasomwe : 3690
0 0

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA aragabisha abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi bakorana n’abadandaza imiti ya magendu canke inzoga zitemewe n’amategeko. Aho ni mu gihe kuri uwu wa kane, igiporisi cafashe imiti yataye igihe yahora idandazwa mu nzu itabifitiye uburenganzira muri zone ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo miti yataye igihe yadandazwa mu kinyegero, abayidandaza bakaba mbere barahindura amatari idategerezwa kurenza ikiri kw’isoko. Rimwe na rimwe, abadandaza iyo miti bahindura ahotekewe ibinini vya "Paracetamol" bagashirayo ivy’ingwara ya malaria (Quinine). Mwene iyo nzu yadandarizwamwo iyo miti yoba yaramenye ko abaporisi baje kumufata, bakaba basanze yamaze guhunga.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura aragabisha abajejwe intwaro boba bakorana n’abadandaza iyo miti ya magendu hamwe n’inzoga zitemewe n’amategeko. Ku bwiwe, ntivyumvikana ingene ibintu nk’ivyo vyokorerwa muri karitiye abajejwe intwaro batabizi.

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko bwahagurukiye kurwanya urudandazwa rw’inzoga zitemewe n’amategeko, ubuhumbu, hamwe n’izindi ngeso mbi zose.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha