"Amashirahamwe mpuzamakungu ashingiye ku kwemera afise uruhara rukomeye mu gitsimbataza amahoro"

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 5 Mukakaro 2017 saa 08:37
Yasomwe : 3006
0 0

Amashengero agize urunani vyotuma ibibazo bituma amahoro atosekara bitorerwa inyishu kuko urunani rw’amashengero rutuma abantu batandukanye bahurira hamwe bagashobora kwiga ibibazo bikomeye vyama vyibonekeza gutyo intererano y’urwo runani igafasha mu gutora umuti w’ibibazo.

Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA ari mubateguye inama mpuzamashengero avuga ko urunani rw’amashengero rwari rwashizweho mu Burundi, rwafashije mu gutanga intererano y’ibibazo vyo mu gihugu , Emmanuel NTAKARUTIMANA yavuze ko urunani rw’amashengero yo mu Burundi rwakoze ibikorwa bitari bike, nk’ivyo kugendera impunzi , kuja kuvugana n’umugwi wa Buraya ujanye n’ivya Israel mu ntumbero yo kurondera hirya no hino umuti woboneka kugira amahoro atsimbatare bose bagishijwe inama .

Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA yavuze ati : “ Iyi nama niyo gukomeza urunani rw’amashengero kugira dukomeze ibikorwa vyo gutsimbataza amahoro na cane cane ku mugabane wa Afrika ari naco gituma iyi nama yitabwe n’ibihugu bitandukanye vyo muri Afirika. “

Bamwe mu bitavye iyo nama mpuzamashengero bamenyesha ko amashirahamwe mpuzamakungu ashingiye ku kwemera agumye afashanya n’amashengero nk’uko yama abikora, vyotuma bashobora guhuza imirwi itumvikana bakongera bakayifasha uko yo kwiyunganya mu bikorwa vy’iterambere kuko ata mahoro yoboneka ata terambere ririho.

Muri yo nama, batera akamo ko ibintu ngenderwako vyotuma amahoro atsimbatara no kugwanya ihohoterwa ko ari kuja inama n’ingingo ,imigwi itumvikana ikamenyera kwicarana hamwe kugira ahanahane ivyiyumviro vyubaka,hamwe no guhura mu biganiro aho umuntu yoshikiriza akamubakiye.


Kumenyekanisha

1
Irankunda 5-07-2017 à 20:24

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha