Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA : "Amashengero afise uruhara ntasubirizwa mu gutsimbitaza amahoro"

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 4 juillet 2017 saa 09:33
Yasomwe : 4212
0 0

Amashengero afise uruhara ntangere mu gutsimbataza amahoro no gukinga ihohoterwa mu gihugu, kuko amashengero ariwo mushinge w’amahoro mu nyigisho zayo zitangwa ku munsi ku munsi. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro cahuje abarongozi b’amashengero atandukanye cabaye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017.

Muri iyo nama mpuzamashengero, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Deo Ruberintwari yamenyesheje ko ibiganiro bihereye mu barongozi b’amashengero bituma abayoboke b’amashengero bibagirira inyungu no kugendera ivyo abarongozi bababwiye, kuko abayoboke bumvira abarongozi b’amashengero yabo kuko babafata nk’abungere babo gutyo bigatuma amahoro asasagara mu gihugu hamwe no kugwanya ihohoterwa .

Deo Ruberintwari yavuze ati : « Umwera uva ibukuru ugakwira hose, akaba yateye akamo abarongozi b’amashengero kuyobora abayoboke babo baberekeza mu nzira y’amahoro kuko ibiganiro mpuzamashengero biza muvya mbere bifasha mu gukinga ihohoterwa hamwe no gutsimbataza amahoro n’umutekano mu bihugu biba vyugarijwe n’indyane.

Deo RUBERINTWARI yavuze ati : «  Ibiganiro mpuzamashengero n’igikoresho ngirakamaro gishobora guhindura indyane, kuko n’imiburiburi buri rimwe mu ndwi abayoboke bumva ijambo ry’Imana. »

Patiri Felix FUPI ari mu bitavye iyo nama mpuzamashengero yavuze ko amashengero afise uruhara ntasubirizwa mu gutsimbataza amahoro, kuko iyo umutima udatekanye umuntu adashobora kugira amahoro ari naco gituma amashengero avura imitima kugira igire amahoro, gutyo akabona gukwira mu bantu bose.

Mu bikorwa bikuru amashengero yigisha bituma amahoro atsimbatara, Patiri Felix FUPI amenyesha ko hari ibikorwa vyo kwigisha abayoboke gufashanya, gufatana mu nda, hamwe no kugendera mu mico myiza.

Patiri Felix FUPI yavuze ati : « Ikivuzwe mw’ishengero abantu benshi baracumviriza, kandi barayoboka ivyo babwiwe kuko buri muntu afise ijwi rimuvugiramwo, gutyo bigendewe amahoro akaboneka. »

Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA avuga ko inyigisho amashengero atanga yo kwigisha ukuri, kurekuriranira, gutanga ikigongwe, kunywanisha no kuvukanisha abanyeporitike bashobora kubikoresha no kuvyubakirako kugira amahoro aboneke.

Shehe Imam BUKURU ELLY KHALFAN kubwiwe avuga ko amadini afata iya mbere mu guhimiriza, gukangura abayoboke babo kugira batsimbataze amahoro.

Shehe Imam BUKURU ELLY KHALFAN yavuze ati : « Abayoboke b’amashengero bakwiye kwama bavuga ukuri, kuko nikwo gutsimbataza amahoro, kuko amahoro ariwo mushinge w‘iterambere rirama. »

Ico kiganiro mpuzamashengero cabereye mu gisagara ca Bujumbura kikaba citabwe n’abarongozi b’amashengero bava mu Rwanda, Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, Togo, Uganda, Kenya, Somariya, Zimbabwe. Kikazorangira kw’igenekerezo rya 05 Mukakaro 2017, ni ukuvuga ko kizomara iminsi itatu.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha