IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel RUFYIRI yandikiye umuhuza Yoweri MUSEVENI

Gabriel RUFYIRI yandikiye umuhuza Yoweri MUSEVENI

jeudi 9 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ikete uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yandikiye umuhuza mu matati y’Abarundi, umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni kuri uwu wa 03 Munyonyo, yamusavye gutahuza Reta y’Uburundi n’umugambwe CNDD FDD kugira babangire guhindura ibwirizwa nshingiro.

Gabriel RUFYIRI ashikiriza ko mu gihe ibiganiro bibera hanze y’igihugu bihuza Reta n’abo batavuga rumwe hamwe n’abadaharanira ivyicaro vya poritike bitari bwarangire, Reta yari kubangira guhindura ibwirizwa nshingiro.

JPEG - 83.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME aributsa umuhuza Museveni ko ihindugwa z’ibwirizwa nshingiro rigamije guhamba amasezerano ya Arusha yashizweko umukono inyuma y’impari nyinshi, akanamumenyesha ko hasanzwe hakiri ibitari bwashirwe mu ngiro muri ayo masezerano, agatanga akarorero k’ihinyanyurwa ry’inama nkuru y’ubucamanza ijanye n’ugutegura ubwigenge bw’ubucamanza bikiri ikibazo.


Pacifique BUKURU

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.