Gasekebuye : Ihinguriro ry’imitobe "GUBWANEZA DRINK" ryugawe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 Ruheshi 2017 saa 08:57
Yasomwe : 9675
0 0

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura buheruka gufata ingingo y’uguhagarika ibikorwa vy’ishirahamwe rihingura umutobe (Jus) uzwi kw’izina rya "GUBWANEZA DRINK".

Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko uwo ata bugenduzi bwabaye bw’ukuraba ko ikorwa ry’uwo mutobe ryubahirije amategeko.

Iryo shirahamwe ryugawe inyuma y’aho mu bikorwa vy’ugusaka biheruka kubera muri Karitiye ya Gatoke, muri zone Rohero, igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko cafashe amacupa amajana atanu y’umutobe (Jus) ukozwe mu nyama ziboze, zivanze n’ibindi bintu.

Iyo mitobe yafashwe itemewe n’amategeko izwi kw’izina rya "Nezereza".


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha