Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaston SINDIMWO yaserukiye Uburundi mu birori vy’ukwimika Uhuru (...)
Gaston SINDIMWO yaserukiye Uburundi mu birori vy’ukwimika Uhuru Kenyatta
lundi 27 Munyonyo 2017, par
Nk’uko bishikirizwa na Evelyne MANIRAGABA, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO aserukiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Evelyne MANIRAGABA aravuga n’ubutumwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ashiriye uwugiye kurongora igihugu ca Kenya.
"Atwaye ubutumwa bw’ugukeza umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, nk’uko mubizi tukaba dufitaniye imigenderanire myiza n’igihugu ca Kenya."
Gaston SINDIMWO yafashe indege imushikana mu gihugu ca Kenya mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.


Egide NDUWIMANA
Messages
28 Munyonyo 2017, 11:13, par Hafsa
Hhahah ya ndege yaguzwe yo kurerura umukuru w’igihugu ijejwe iki?Vice President muri Economy class muri Kenya Airways??ibi ni akamaramaza kweli
28 Munyonyo 2017, 13:38, par Busurahende
Hafsa, abo iyo ndege yageneye kurerura aho baheruka guhurira mu Cibitoke kwigina ko cabavunye wabonye Gaston yarimwo?