Gaston SINDIMWO yashitse i Dar-Es-Salaam (Amafoto)

Yanditswe na
Kuya 19 Rusama 2017 saa 09:41
Yasomwe : 20862
0 0

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yashitse mu gisagara ca Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya, aho agiye guserukira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu nama igira iya 18 y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izoba kuri uwu wa gatandatu.

Gaston SINDIMWO n’abo bagendanye bakiriwe na Dr. Philip Mpango, umushikiranganji w’ikigega ca Reta ya Tanzaniya, hamwe na Ambassadeur Gervais ABAYEHO, aserukira Uburundi muri Tanzaniya.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaherekejwe muri iyo nama na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hamwe na Ambassadeur Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA, ajewe ibibazo vyo kumenyesha amakuru.


Kumenyekanisha

1
DADY 21-05-2017 à 12:21

NTAVYO TWITEZE MUKARERE NIBAGENDEBIRIRE AMAHERA YIGIHUGU.NTAWORIBWA NINKOMA NGWAJE KWITURA ISATO.

2
NDOTO K. J. 21-05-2017 à 01:01

Aratinya gusohoka mu gihugu. Burya vyaramurangiranye kandi twizereko bizogaragara neza ko vyamurangiranye imbere ya 2020. Yabaye umubeshi cane kandi asuzugura amakungu yose yamuhanuye ko adakomeza intwaro mbi cane yo kuroha i gihugu mumanga. Uyu munsi abahunze i gihugu barenga 450.000, bamerewe nabi mu buhungiro. Bamuhanuye kudahindura Constitution kandi bamubuza gukurikirana Mandat ya 4 muri 2020, ariko ntiyumva, kuko Imana yiwe yamubwiye ko azotsinda vyose bibaho, maze izo mpunzi zigumire mugahinga, nawe akomeze yonona i gihugu. Igisubizo kiraboneka vuba kuko Imana y’ u Burundi n’ Abarundi irahari. Leta yiwe yasambuye imiryango myinshi cane.

3
Masabo 20-05-2017 à 12:22

Jewe Ndatangara Cane, None Gasito Niwe Nkurunziza? Kuberiki Arungika Gasito Nabandi Nawe Agasigara Ariyahira IKawa? Ikawa Niyo Ntambamyi Yibibazo Biri Muburundi?

4
Dieudonne 19-05-2017 à 13:16

Nibakomere Nintwari Zikunda Abene Gihugu Natwe Turinyuma Yanyu Mumigambi Myiza Mudufitiye Imana Ibaje Imbere.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha