Général de Brigade Jean Paul HABIMANA yahawe ubuyobozi bw’igisirikare kirwanira hasi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 3 juillet 2017 saa 12:27
Yasomwe : 43866
0 0

Intwazangabo zitanu z’Uburundi zagenwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu buyobozi bw’ibisata bitandukanye mu gisirikare c’Uburundi.

Général de Brigade Jean Paul HABIMANA batazira BISHINGA yagenwe kuba umukuru w’igisirikare kirwanira hasi, icegera ciwe ni Général de Brigade Marius NGENDABANKA.

JPEG - 34.2 ko
Général de Brigade Jean Paul HABIMANA batazira BISHINGA, umukuru w’igisirikare kirwanira hasi

Uwagenwe kuba umukuru w’igisirikare kirwanira mu kirere ni Colonel Hermalas NDABASHINZE, nayo Colonel Venant BIBONIMANA batazira Gatovyi agenwa kuba umukuru w’igisirikare kirwanira mu mazi. Icegera ciwe ni Colonel Onésime KARIKERA.

Bose hamwe uko ari batanu bagenwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/135 ryo kuwa mbere Mukakaro 2017.


Kumenyekanisha

1
ndizeye 4-07-2017 à 10:11
2
Dossantosi 4-07-2017 à 06:25

ntagitangaza Kirimwo Ngaho.
Nakare Barasa !
We Kuba Rurangiramwa Mukwica !
Ha ! Ntakuntu Pe !

3
ntirampeba celéus 4-07-2017 à 06:15

ivyo nivyiza cane

4
amiri 3-07-2017 à 15:35

amafoto mubamwereka abanwanyi banyu muranagaragaza gushaka kwerekana ko umuntu ari ubwoko ubu canke buriya ntawumenya icomuba mushaka gushikako ariko nkanje ndavyakira nkaho ncamenya uruhande mwegamiyemwo kandi atari ngombwa

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha