IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Genève : Abakoze amatohoza ku gateka ka zina muntu mu Burundi barashikiriza (...)

Genève : Abakoze amatohoza ku gateka ka zina muntu mu Burundi barashikiriza icegeranyo

mercredi 14 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bari mu buhungiro, hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko bizeye ko ingingo ziza gufatirwa muri iyo nama ari izigondoza ubutegetsi bw’Uburundi kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Imbere y’uko iyo nama itangura, bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi, ariko bari mu buhungiro, babonanye n’igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Mu mubonano wabereye i Genève, bagarutse ku gateka ka zina muntu mu Burundi, uko kifashe.

JPEG - 154.2 ko
Alexandre NIYUNGEKO arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ (i bubamfu), ari kumwe n’umushingwamanza Armel NIYONGERE (i buryo)

Reta y’i Bujumbura yabaye iriyamiriza icegeranyo kitarasohoka

Mu gihe kuri uwu wa kane n’uwa gatanu igenekerezo ya 14 na 15 Ruheshi 2017 hashikirizwa icegerenyo ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi i Genève, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO amenyesha ko Uburundi ata ciza bwiteze kizova muri iyo nama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu.

Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro catunganijwe n’ibiro vyo kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, ku mugoroba wo kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryiyemeje kuja imbere mu kuvuguruza Abarundi.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO akamenyesha ko abateguye inama y’i Geneve bahisemwo kwinyegeza inyuma y’Inama Mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu, kubera ivyo bagiriza Uburundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu bitagira ifatiro kandi bitagira ishingiro.

Kubwa KARERWA NDENZAKO, icegeranyo gishikirizwa mu gisagara ca Genève cifatira mu gahanga Uburundi, agatangazwa n’ingene ico cegeranyo canditwe n’umurwi wiswe uw’abahinga bigenga EINUB bisunze ivyandikwa ku muhora wa whatsapp.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • ABO BAZUNGU TWAMA TWABIYAMYE NTIBUMVA USA IGIHANO CUGUPFA GIKORWA BURIMWAKA MUGABO MUBURUNDI CAFUSWE NGO NTAGAHARI BARUNDI TWIGUMANIRE ZAMFASHANYO BADUKANGISHA KOTWAZIHEVYE NTITUBAYEHO? IMANA <ITI NABIBONYE>IMYIMBU ICIRAMENA BUBAYUBWAMBERE JEWE NDONKA IBIRO 500 VYIBIHARAGE !! BURUNDI KOMERA IGANZURE BARUTUKU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.