Genève : Pascal NYABENDA yagarutse ku kibazo c’abashatse gutembagaza ubutegetsi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 26 Ntwarante 2018 saa 09:34
Yasomwe :
0 0

Mu nama igira iya 138 y’urunani rw’amanama nshingamateka iriko ibere i Genève mu gihugu c’Ubuswise, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yasavye ko amakungu yofasha kugira ibihano ubumwe bwa Buraya bwafatiye Uburundi bihagarare. Pascal NYABENDA yamenyesheje ko ivyo bihano ari akarenganyo kakorewe Abarundi.

Pascal NYABENDA arongoye inama nshingamateka y’Uburundi yasavye ko ivyo bihano vyokurwaho, kuko ku bwiwe, Uburundi buri amahoro n’umutekano.

Muri iyo nama, umushingamateka Pascal NYABENDA yagarutse kandi ku kibazo c’impunzi z’Abarundi zikurikiranwa n’ubutugane, aho yemeza ko amasezerano mpuzamakungu atanga uburenganzira bw’uguhabwa ubuhungiro. Pascal NYABENDA aragaruka akavuga ko ubwo burenganzira burakurwaho, iyo uwahunze afise ivyo yagirizwa mu butungane.

Kubwa Pascal NYABENDA, abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi ntibari bakwiye guhabwa ubuhungiro.

JPEG - 31.1 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Kumenyekanisha

1
kabingo dora 26-03-2018 à 20:16

Ariko uwo Nyabenda arantwenza cane ? Mbega ko uwo Nyabenda yari yarahunze uburundi mu myaka yahera , iyo ataronka ubuhingiro bari kumumesa ! Nico kimwe na shebuja nyene ?

2
Nzeyi 26-03-2018 à 15:37

Hhhhh nyabendwa

3
Busurahende 26-03-2018 à 13:20

None mu bihumbi bishika 400 000 vyahunze intwaro mbi arimwo kandi ariko akingira ikibaba, bose bashatse gutembagaza ubutegetsi? Bo ko atavuze icatumye bahunga?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha