Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Gihanga : Amafaranga imiriyoni 11 yibwe muri COOPEC
Yanditswe taliki ya 26-09-2016 - isaha 13:57' na IGIHE

Amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 11 niyo yibwe muri COOPEC i Gihanga, abayivye bakaba babanje guha ibiyovyabwenge umuporisi hamwe n’umunyezamu bacunga ahakorera iyo COOPEC.

Abantu bataramenyekana basanze kuri uwu w’Imana umuporisi hamwe n’umunyezamu mu kibanza bakoreramwo, i Gihanga kuri COOPEC (COOPERATIVE D’EPARGNE ET DE CREDIT), babaha inzoga y’urwarwa irimwo ibiyayuramutwe. Abo bacunga ububiko bw’amafaranga baciye basinzira gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.

Abo basuma bamaze kubona abo bacunga ico kibanza basinziriye, baciye babomora, binjira muri COOPEC, biba amafaranga yose yari muri ubwo bubiko, agera ku miriyoni hafi 12.

Uwari aje kugombora abaraye kw’izamu niwe yabonye ubwa mbere ko habaye ubusuma, aca aratabaza. Uwo muporisi hamwe n’umunyezamu bari bagisinziriye baciye babavyura, babatwara kwa muganga kugira babanze batore ubwenge, mu nyuma baca babajana mu giporisi mu matohoza.

Ivyiyumviro vyanyu

ABOBASUMA BARENGEJE

2.10.2016 à 12:15
AHIMBONEYE

AHUBWO NTAVYO BAZI KUBIBA JENDUMUNYAGIHUGU WUBURUNDI NKABANDIMUGIHUGU CATANZANIYA RETA NISHIREHO ITEGEKO RUBUZA INYAMIRAMABI KUNWA IBIBORERA KUKO NIHO NOHANYUMA BIBAYE BOMENYA AHOBARONDERERA NIMBARIHARI NIBABAKOREREKO KUKO BIRABABAJ KUNVA ABAJEJWE KURABA AMATUNGO YABANYAGIHUGU

1er.10.2016 à 20:39
NDUWIMANA ANTOAN

ABOBAZAMU BARABAPFUNZ ?

30.09.2016 à 16:54
MAJIDI MAJID

@Giricowubaha,iyo uvuga ngo CNDD FDD ngo itwaye imyaka iyi n’iyi erega na herode yatwaye iyitari mike

27.09.2016 à 21:13
Musaga

Merci Beaucoups Giricowubaha

27.09.2016 à 08:15
Munezero Jean Claude Kinind

Merci Beaucoups Giricowubaha

27.09.2016 à 08:14
Munezero Jean Claude Kinind

@Giricowubaha !simpakana ko DD itwaye 11ans mugabo ntakubeshe batuzaniye akabi kabishe,kubona u Burundi turi igihugu ca nyuma gikenye kw’isi ?ntivyigeze bibaho kuvaho u Burundi bwabereyeho,ujinga wenu nyinyi wa DD ni mzigo

27.09.2016 à 06:11
Fnl

@Fnl

"uwo ni umu DD wujuje ivyangombwa vyose.."

Ewe sha ! Abo baDD ukengera ko bagutwaye imyaka icumi n’umwe ubwejagurira aho wicaye ! Wari ukwiye kubanza kukaziba umwanya bakigutwara !

26.09.2016 à 17:55
Giricowubaha

AHO VYAKABEREYE NIKERA KANDI NTIVYUMVIKANA.LES CHEF DES POSTE MURAFISE ABAPORISI BABIZIGIRWA BAKORA AKAZI NEZA BE ARIBO MUSHIRA KURI AYO MAHERA YABENEGIHUGU.CANKE NAHO MUZOHORE MUBAZWA IVYUBWO BUSUMA.NIGITUTSI KURABO BA PORISI MURONGOYE NOKU GIHUGU !!

26.09.2016 à 17:38
IKIBWIRWA NICUMVA.

EREGA TWIZIGIRE KO ABIVYE AYOMAHERA KUMBURE BOFATWA KUBERA BABANJE KUBAJANA KWAMUGANGA NIBAZA KO BACA BIBUKA UWABAZANIYE IYO NZOGA KUBERA NTAMUNTU YOKUZANIRA INZOGA UTAMUZI CANKE NAWE ATAKUZI NGUYINYWE UWO MUPOLISI NUWO MUNYEZAMU NIBABAHANE IGIHANO CUKO BIJAJAYE ARIKO BABAGUMIZE KUKAZI URUMVA SIBO NINDA YABO.KUMBURE NABANDI BARABONYE AKARORERO.

26.09.2016 à 16:50
Egide

Hhaahhh nyumvira vraiment un policier uri kuri garde n’inkoho barashobora kumuha urwarwa akasama akanywa ?uwo ni umu DD wujuje ivyangombwa vyose, izo nizo ndongozi dutwawe nazo ubu,abo nibo ngo bazomesa Abanyarwanda ?hhhaah

26.09.2016 à 14:57
Fnl

Kirazira kunywa inzoga urikukazi ntivyumvikana.barakurikiranwa neza bahanwe vyakarorero.

26.09.2016 à 14:22
David

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.