Gihosha : Abanyagihugu bo muri quartier Nyabagere basaba REGIDESO kubaronsa amazi

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 21 décembre 2017 saa 11:13
4350
0 0

Abanyagihugu baba muri quartier Nyabagere aho bita ku Matafari muri zone ya Gihosha komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura ,baridoga ko bamaze iminsi ibiri bataronka amazi atangwa n’ishirahamwe REGIDESO .

Abo banyagihugu bavuga ko iryo bura ry’amazi rifise ingaruka mbi ku buzima bwabo, bikunyurwa n’uko amazi bakoresha bayakura kure, aho bisabwa ko bikora ku bantu bayabazanira babanje kubahemba amafaranga.

Jean Paul NSHIMIRIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe REGIDESO avuga ko ikibazo co kubura amazi aho ku Matafari bakimenye mu gatondo kur’uno wa kane igenekerezo rya 21 gitugutu 2017, kandi bamaze kurungika abajejwe gukora ahari ingora, kugira barabe ahabereye ikibazo.

Jean Paul NSHIMIRIMANA yemeza ko aho bari bazi hari ikibazo c’amazi ari muri karitiye ya Carama yo muri zone Kinama ,aho avuga ko ikibazo camaze gutorerwa umuti , kandi ubu ico gice camaze kuronka amazi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha