Incamake

Gitega : Ikibazo c’ubusuma bukorwa mu mashirahamwe yo kuziganya cahagurukije Joseph BUTORE

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 décembre 2017 saa 11:44
10005
0 0

Abarongoye amabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana bari mu mubonano n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Kigarama 2017. Intumbero y’uwo mubonano, ni ukurabira hamwe icokorwa kugira barwanye ubusuma bwibonekeza mu mashirahamwe amw’amwe yo kuziganya no kuguranana.

Mur’uwo mubonana, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu araganira kandi n’abarongoye amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana inzira n’uburyo vyokorwamwo, mu kurwanya abanyuruza amatunga y’ibisata bijejwe kuziganya no kuguranana mu Burundi. Joseph BUTORE avuga ko Reta y’Uburundi igiye gukora ibishoboka vyose kugira ubwo busuma butuzwe. Aho avuga nk’urubanza rw’ikibiriraho ruzohora ruciribwa abagirijwe ubwo busuma, bagafatwa nk’abahungabanije umutekano w’igihugu.

Kuva mu kwezi kw’icenda 2017, igisata ca posita mu Burundi nico bimaze kuboneka ko kibangamiwe, kuko amafaranga ashika imiriyoni 50 aramaze kwibwa mu kiringo c’amezi abiri gusa.

Mu kwezi kwa cumi na rimwe, posita ya Bugenda mu ntara ya Gitega yibwe amafaranga imiriyoni 40, mu gihe muri ukwo kwezi nyene posita y’I Makebuko mu ntara ya Gitega nyene yibwe amafaranga imiriyoni 10.

Haba I makebuko canke I Bugendana, abikekwa gukora ubusuma, ni abanyabigega bayo maposita.


Kumenyekanisha

1
Busurahende 16-12-2017 à 06:29

Aba CNDD-FDD barazi gufasha ababo. Kuva imbere ya 2005 bagicakiye, hari aho mwari bwumve ngo Banki yibwe canke ngo yaturiwe ? Mbega ico cegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ko ata muco yatanze ujanye n’ivya Panama Papers ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha