Gitega-Nyarusange : Abanyagihugu bari bahawe indogoba bagiye kuzakwa

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 28 mai 2018 saa 09:14
33270
0 0

Ubushikiranganji bw’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi busaba ko abanyagihugu bo muri Komine Nyarusange mu ntara ya Gitega baheruka guhabwa indogoba n’ishirahamwe “OGENA-Burundi” bazakwa kuko zatanzwe hadakwirikijwe amategeko.

Mw’ikete umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yandikiye musitanteri wa komine Nyarusange, yamenyesheje ko izo ndogoba zatanzwe hatisunzwe amategeko n’ubuhinga bijanye mu gutanga ibitungwa bivuye hanze.

Muri ryo kete Deo Guide RUREMA yasavye ko izo ndogoba zica zijanwa ahantu hazonyene muri komine Mabanda, mu ntara ya Makamba.

Izo ndogoba zitandatu zari zatanzwe ku mugaragaro, kuwa kane, igenekerezo rya 24 Rusama 2018, n’uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Laurent Delahousse.


Kumenyekanisha

1
Pasco 29-05-2018 à 21:15

Nibazizane Makamba Iwacu.Hari Akayaga Keza,nibidukikije Bikwiye,amashamba Nibindi...

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha