IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Hari abashaka kwibagiza ivyabaye mu Burundi" - Petero NKURUNZIZA

"Hari abashaka kwibagiza ivyabaye mu Burundi" - Petero NKURUNZIZA

lundi 9 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

James Mountain Inhofe, umukenguzamateka wo mu ntara ya Oklohama, mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, asanzwe ari mu rugendo mu gihugu c’Uburundi, yakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uwo mubonano uheze, abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yamenyesheje ko ikiganiro yagiranye n’uwo mukenguzamateka cashingiye ku mahoro, ukuri hamwe n’ugusubiza hamwe biciye mu masengesho hamwe n’ijambo ry’Imana.

Muri ubwo butumwa buri mu rurimi rw’icongereza, umukuru w’igihugu yanditse ati : "With Hon. @JimInhofe who paid me a courtesy call. Our discussions focused on peace, truth and reconciliation, through prayer and God’s word."

Tugerageje gushira mu rurimi rw’ikirundi : ["Hamwe n’umukenguzamateka @JimInhofe yangendeye, ibiyago vyacu vyari bishingiye ku mahoro, ukuri hamwe n’ugusubiza hamwe, biciye mu masengesho n’ijambo ry’Imana.]

Inyuma y’uwo mubonano, Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Petero NKURUNZIZA avuga ko Reta arongoye iriko irakora ibishoboka vyose kugira igikorwa c’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi gisozerwe, akemeza ariko ko hari abantu babandanya baciramwo Reta, bashaka kwibagiza ivyabaye, kandi kumenya ukuri ariwo mushinge ukomeye w’iterambere ry’Uburundi.

Petero NKURUNZIZA amenyesha ko nawe nk’impfuvyi, yashaka kumenya akahise k’umuryango wiwe, amenye n’akahise k’Uburundi, nk’uko bivugwa n’icegera c’umuvugizi wiwe.

Uwo aramutswa Uburundi avuga ko Abarundi nibamenya uko abantu bamwe bamwe bagiye barapfa, abandi bakanyuruzwa, ahereye ku barondeye intahe y’ukwikukira, ariho Abarundi bazobiheba, barabe inzira y’uguteza imbere igihugu.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.