IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibanki BAD igiye gufasha mu gutanga amazi meza

Ibanki BAD igiye gufasha mu gutanga amazi meza

jeudi 2 Ruhuhuma 2017

Imirwa mikuru y’intara za Ngozi,Kayanza na Muyinga zigiye kuronswa amazi meza,mu mugambi uzofashwamwo n’Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD.

Mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mwaka wa 2016,Come MANIRAKIZA ,umushikiranganji w’ubutare n’amasoko ntanga nguvu kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero ,umwaka wa 2017,yavuze ko ibikorwa vyo gutanga amazi meza bizoba muri uno mwaka wa 2017.

Come MANIRAKIZA yavuze ko hari umugambi wo gukwiragiza amazi meza mu bindi bice vy’igihugu,ariko ko bakirindiriye abafasha mu gutanga uburyo kugira ibikorwa bitangure.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka hamwe n’amasoko ntanga nguvu amenyesha ko hari ibiganiro biriko biraba bihuza ubushikiranganji n’abatanga infashanyo kugira ngo barekure uburyo bufasha mu mugambi wo gutanga amazi meza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.