Ibibanza bituma humvikana urwamo mu masaha y’ijoro vyategetswe kubihagarika

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 mars 2018 saa 12:50
35085
0 0

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasohoye itegeko rihagarika ibibanza bituma humvikana amajwi mu masaha y’ijoro. Mw’itegeko nshikiranganji yateyeko umukono kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ntwarante 2018, Pascal BARANDAGIYE asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura na baburamatari bofasha mw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.

Nk’uko biri muri iryo tegeko nshikiranganji, amazu y’ubutambiro asohora ijwi mu masaha y’ijoro arabujijwe, mu gihe n’ubunywero canke ibindi bibanza biteramisha abantu, birekuriwe kubikora ku minsi ya gatanu na gatandatu, gushika isaha zine z’ijoro.

Muri iryo tegeko nshikiranganji, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha kandi ko amasengesho aba mw’ijoro, azoba inyuma y’uburenganzira bazohabwa n’umukuru w’igisagara canke ba buramatari b’intara.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha kandi ko ata mwana arekuriwe kuja mu butambiro , mu gihe atarakwiza imyaka 18 y’amavuka, atari kumwe n’abavyeyi.

JPEG - 37.1 ko
Pascal BARANDAGIYE,Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Ku bijnye n’amasengesho atunganywa mw’ijoro, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko, mu gihe ayo masengesho arenza isaha zine z’ijoro, azoba umukuru w’igisagara ca Bujumbura canke buramatari abirekuye, nayo mu gihe ayo masengesho atateguwe n’ishengero ryemewe n’amategeko akaba atararekuriwe kuba.

Muri iryo tegeko, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko mu gihe hoba uworenga kuri iryo tegeko azohanishwa ihadabu y’amafaranga ava ku bihumbi 100 gushika ku bihumbi 200, habaye ukurenza urugero, ivyo bibanza bitubahirije iro tegeko bikugarwa burundu.


Kumenyekanisha

1
Amahinyu 19-03-2018 à 17:38

Iryo tegeko ni ryiza kandi rikwiye kubuza ikintu cose coza gihungabanya itiro ry’abanyagihugu hamwe na benegihugu ijoro ryose ; n’ukuvuga kuva saa 4 y’ijoro gushika saa 12 zo mu gitondo.
N’aba Islamu nibaza ico bashobora kugitegera. Guhamagara muri micro mw’ijoro kandi hari abanyeshure bize gushika saa 8 y’ijoro, canke abarimu bategura ivyirwa gushika isaha y’indwi y’ijoro, ntivyumvikana. Kuko baba biteguye kuvyuka mu gitondo baruhutse kugira ngo babandanye imirimo yabo bameze neza.

2
Aristide Noris 16-03-2018 à 13:02

Iryo tegeko ni ryiza.Ariko rirakwiye no gukoreshwa mu mwanya wo ku murango kuko urwamo rwama ari urwamo haba mw’ijoro canke kumurango.Hari ibibanza bibuza ababanyi kuruhuka canke kuba mu mwidegemvyo.Muri ivyo bibanza harimwo n’amadini usanga bashira imbere sonorisation aho gushira imbere gusenga (ahantu hari abantu batanu ugasanga hasumvya sonorisation ahari abantu 500 !!!!!).Hari n’abatanga ubutumwa bugasohoka hanze mubo butagenewe,rimwe na rimwe ugasanga hariko hahonyangwa uburenganzira bwa muntu bwo kwemera.Nibaza n’amasengero/amashengero ko yogira intumbero yo kwigishiriza abayoboke bayo indani (nk’uko biri n’ahandi).

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha