IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiciro vy’umuyagankuba bigiye kuduzwa

Ibiciro vy’umuyagankuba bigiye kuduzwa

jeudi 8 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Come MANIRAKIZA, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’ukuduza mu kiringo ca vuba ibiciro vy’umuyagankuba, ariko akizeza ko ivyo biciro bidugijwe, abarundi bazoca basezerera ibijanye n’ugukuranwa mu kuronka umuyagankuba (Delestage).

JPEG - 876.5 ko
Come MANIRAKIZA, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu

Abakora ubuzi bukenera umuyagankuba mu gisagara ca Bujumbura baridogera ishirahamwe REGIDESO ridandaza umuyagankuba ko rikoresha "nkunzi" mu gutanga uwo muyagankuba, kuko hari amakaritiye awuronka umwanya urume rumara. Iryo shirahamwe ryidogerwa kandi ridatanga urutonde rw’ingene ugusabikanya umuyagankuba gutunganijwe, kugira abawukenera bamenye ingene bakora.

Tubibutse ko iyo ngingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba ifashwe mu gihe umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA, mu nama y’umutekano yarimwo muri zone ya Kamenge, komine ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, yatanze umwizero ko kuva muri uku kwezi kwa gatandatu, umuyagankuba ugiye kuboneka ku rugero rushimishije.

Muri iyo nama yabaye mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, Freddy MBONIMPA yashikirije ko Reta y’Uburundi iriko irakora ibishoboka vyose, kugira muri uku kwezi gatandatu, icikagurika ry’uwo muyagankuba rizobe ryasezerewe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ndumiwe kuduza umuyagankuba nubukene vyawo bihuriye hehe? None mugira muwimbe mumafaranga niyo yahindutse urugomero rwayo

  • Mbabazwa n’umwana wanje w’infura yitwa MUSHAHARA aguma ari igikuri ariko barumuna biwe MAZI, MATARA, MAFARANGA YO GUPANGA, KW’IYUNGURUZA bobo babaye barebare bagera mu kirere. Ewe mwana wanje MUSHAHARA gira ukure basi urehehe na barumuna bawe!!!

  • Bavuze kuduza ibiciro womengo umwimbu w’abariha ayo matara wariyongereye!
    Nibagera aho babura ici baduza ibiciro canke ivyo badugije bakabura amafranga bari biteze, ikizoba gisigaye kuzoba ukwiyahura kubera babuze isaganirizo! Le temps déterminera inévitablement leur sort!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.