IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gisagara vyadugijwe

Ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gisagara vyadugijwe

vendredi 13 Nzero 2017

Inyuma y’ingingo y’iduzwa ry’amatagisi ku bidandazwa bimwe bimwe nk’ibitoro no gutumatumanako biciye kuri terefone ngendanwa,hakurikiye iduzwa ry’ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gisagara ca Bujumbura n’abaduga hagati mu gihugu.

Inyuma y’inama yahuze abaserukiye ubushikiranganji bw’ubudandaji,ubwo ubutare n’agataka,ubwo kwunguruza abantu n’ibintu,abaserukira amashirahamwe yunguruza abantu OTRACO na ATRABU, ibiciro vyadugijwe :

Igiciro co kwiyunguruza hagati mu gisagara ca Bujumbura cavuye ku mafaranga 292 kija ku mafaranga 350 y’amarundi,ku baja mu ma quartiers ari hagati mu gisagara.

Ku biyunguruza baja mu ma quartiers ari ku mpera z’igisagara nka Carama, Kiriri,Ruziba, Maramvya, Mirango-Rond Point,Kamesa na Buterere,igiciro nticahindutse,abiyunguruza bazotanga ayo bahora batanga.

Ku modoka zunguruza abantu zibavana mu gisagara ca Bujumbura baja mu ntara zo hagati mu gihugu,ibiciro vyaduze gushika ku bice 11 kw’ijana ,kandi ivyo bikaba biraba abantu n’ibintu.

Bitegekanijwe ko iyo ngingo ija mu ngiro kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 12 Nzero 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.