Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibidandazwa vy’ibifungurwa bimwe bimwe vyakuweko amakori n’amatagisi
Ibidandazwa vy’ibifungurwa bimwe bimwe vyakuweko amakori n’amatagisi
mercredi 29 Ntwarante 2017, par
Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa gatatu ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu.
Mu nama nshingamateka y’Uburundi, umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien NDIHOKUBWAYO niwe yari yagiye gusigura integuro y’iryo tegeko, akaba yabwiye abashingamateka ko ari mu ntumbero y’ukuraba ingene ibiciro vy’ibifungurwa bikuweko ayo makori vyogabanuka kuko kw’isoko vyari vyaduze.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho inzara ivuzwe mu mihingo itandukanye y’igihugu, itewe n’umwimbu utabaye mwinshi bitewe n’ihindagurika ry’ibihe. Mu ntara zimwe zimwe haravuzwe n’abanyagihugu bahitanwe n’inzara, n’aho muri Reta y’Uburundi bamenyesha ko ata murundi aricwa n’inzara.
Igihugu c’Ubushinwa caheruka gutanga ku gihugu c’Uburundi, imfashanyo igizwe n’amatoni 5262 y’umuceri, iyo mfungurwa ikaba yagenewe guhabwa abanyagihugu bo mu ntara zisinzikajwe n’inzara, nk’uko vyashikirijwe na Reta y’Uburundi.
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2017, 14:17, par japhet Manirakiza
Turashimye iyongingo ije kworohereza twebwe abandandaza bibiribwa biva hanze yigihugu.gutyo bizotuma inzara mubanyagihugu igabanuka kurugero rushimishije.
Dusavye mutumenyeshe ibifungurwa vyakuweko ama kori nitarike iyo ngingo izotangurirako gushirwa mungiro.
29 Ntwarante 2017, 16:45, par Ndagijimana
ko batagize urutonde rw’ibifungurwa vyakiweko amakori?
29 Ntwarante 2017, 16:46, par Ndagijimana
ko batagize urutonde rw’ibifungurwa vyakiweko amakori?
29 Ntwarante 2017, 20:09, par Hutsi
Mukomeze muhezagirwe banyarwanda.
Hanyuma ibifungurwa vyomu Burundi nubwovyaribisanzwe bizimbutse kuruta ukomu Rwanda bimeze ubuhoho muburundi bigiye kuzimbuka kuuta, kubwivyo mucungane nabobimarira mu Rwanda kuko igihugu kireneye gitubika umukanda kubwabanyagihugu baco sikubwo igihugu curwanda, murantahuraneza navuzeko iyo igihugu gihevye gutangisha amatagisi kubifungurwa nikubwineza yabenegihugu nababamwicogihugu, sikubwo aboza kubirangura kunahera make baja kubidandariza mubihuguvyabo kumaherameshi.
29 Ntwarante 2017, 21:09, par 69515175
Turashimye iyongigo ijehageze,nyabujahari ubukenebunzongabanuka!
29 Ntwarante 2017, 22:24, par mbonankira charles
nivyiza koreta yemeye guheba amakori kubifungurwa kugira biboneke ariko intererano notanga nuko twokura amaboko mumuzu tugakora kandi bisaba uwariwe wese gushiramwo uruhare
1er Ndamukiza 2017, 16:52, par HAKIZIMANA Désiré
Nukuri Hamwe Iryo Tegeko Ryotangura Ukora Ubu Abarundi Twobishima Kuko Tugeze Habi Nuko Twibutse Kwifuka Bukeye Iyo Barishinga Kare Ariko Nubu Ryotangura Gukora Vyodufasha