Ibiganiro bibera Tanzaniya bizoba kw’isango ritavuzwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Munyonyo 2017 saa 08:59
32700
0 0

Urugendo rw’intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi rwasozerewe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 3 Munyonyo 2017, Michel KAFANDo akaba yaciye yerekeza mu gihugu ca Tanzaniya, aho yagiye kubonana n’umuhuza Benjamin William MKAPA.

Muri urwo rugendo rw’iminsi indwi, Michel KAFANDO yabonanye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umuhuza w’Abarundi Eouard NDUWIMANA, Umwungere wa Ekereziya Gatorika i Bujumbura, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Abanyeporitike ntibabonanye n’iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, Michel KAFANDO akaba kandi atigeze avugana n’abamenyeshamakuru.

JPEG - 42.3 ko
Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Mw’itangazo ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bwasohoye kuri uwu w’Imana inyuma y’urwo rugendo, bamenyesha ko Michel KAFANDO n’umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA baganiriye ku biganiro bihuza Abarundi bigiye gusubira gutanguzwa, naho ata genekerezo bizoberako ryavuzwe muri iryo tangazo.

Urwo rugendo rwa Michel KAFANDO mu Burundi ni urwa kabiri, bikaba bitegekanijwe ko azoshikiriza ivyo yashitseko, mu nama y’umutekano ya ONU izoba kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha