IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiganiro bihuza Abarundi bishobora gutangura mu kwezi kw’icumi

Ibiganiro bihuza Abarundi bishobora gutangura mu kwezi kw’icumi

jeudi 7 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA avuga ko mu rugendo yahora i Dar Es Salaam yari yitavye ubutumire bwa Benjamin William MKAPA, akavuga ko uwo asanzwe atunganya ibiganiro bihuza Abarundi yari yashimye ko bohura, kuko yizeye ko ivyo boganira vyofasha guteza imbere inzira y’ibiganiro bihuza Abarundi.

Kuri ivyo biganiro bigiye gusubira gutumwako, umuhuza Edouard NDUWIMANA avuga ko yipfuza ko iryo sango ryoba irya nyuma, kugira ivyo biganiro ntibibere intambamyi ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ririko rirakorwa, hamwe n’amatora yimirije mu Burundi mu mwaka w’2020.

JPEG - 179.4 ko
Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’Abarundi

Ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko mu rugendo yahoramwo muri Tanzaniya, yasavye kandi umuhuza MKAPA ko mubotumirwa, hobamwo abanyeporitike badakurikiranwa n’ubutungane, abaronderwa nabo akaba yasavye ko bobanze kwitaba ubutungane, canke basabe ikigongwe Abarundi.

Tubibutse ko umuhuza Benjamin William MKAPA agiye gusubira gutumako ibiganiro bihuza Abarundi mu kwezi kw’icumi, mu gihe mu nteguro yari yatanze, yari yamenyesheje ko ukwezi kwa gatandatu kuzohera yamaze gusozera ivyo biganiro, yamaze n’ugushikriza ivyokorwa kugira indyane za poritike ziri mu Burundi kuva mu mwaka w’2015 zibe zatorewe inyishu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Umuti ntawundi Leta niyage na CNARED nkuko vyagenze i Helsinki,ikindi Peter Nkurunziza asabe imbabazi Ububiligi,u Rwanda,America atari uko naho nta mahoro u Burundi buzopfa buronse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.