IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihano vyari vyafatiwe CCIB FM+ vyahagaritswe

Ibihano vyari vyafatiwe CCIB FM+ vyahagaritswe

lundi 4 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA, umuvugizi wa CNC yamenyesheje ko iyo ngingo y’ugukuraho ibihano vyafatiwe Radiyo CCIB FM+ yafashwe inyuma y’aho abarongoye iyo Radiyo banditse basaba ikigongwe ku makuru bari bakoze atubahiriza akarangamutima k’umwuga w’ukumenyesha amakuru.

"Urwego CNC rwanezerejwe n’ingendo y’abarongoye CCIB FM+. Urwego CNC rwafashe ingingo y’ukwemerera Radio CCIB FM+ ko yosubira gukora kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017, ariko abarongoye iyo Radiyo bagategerezwa kubanza gushira umukono ku masezerano mashasha y’ivyo biyemeje kuzorangura, amasezerano hagati ya CCIB FM+ hamwe na CNC."

JPEG - 52.4 ko
Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA, umuvugizi wa CNC

Radiyo itari ikivuga amakuru yuhagaritswe vy’agateganyo

Muri ico kiganiro cabaye ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA, umuvugizi wa CNC, yamenyesheje ko ibikorwa vya Radiyo NTUMBERO FM yasamirana mu gisagara ca Bujumbura vyahagaritswe.

"Urwego CNC rumaze kwihweza ibikorwa vy’iradiyo NTUMBERO FM, rwafashe ingingo y’uguhagarika uburenganzira bwo gukora mu kiringo c’amezi atandatu. Ico kiringo giheze, iyo itaratunganya utunenge twose twari duhari, izindi ngingo zizofatwa."

Umuvugizi w’urwego CNC yamenyesheje ko iyo ngingo y’uguhagarika vy’agateganyo ibikorwa vya Radiyo NTUMBERO FM ifashwe kubera itakivuga amakuru, kandi ko itubahiriza ivyo yiyemeje umunsi isaba gusamirana mu Burundi.

Radiyo NTUMBERO FM yari imaze umwaka umwe gusa ikora, amakuru atangwa na bamwe mu bakozi bayo akavuga ko umuyobozi wayo akaba n’uwayitanguje atakibarizwa mu Burundi. Bamwe mu bakozi b’iyo nsamirizi bavuga ko iyo ngingo y’uguhagarikwa yoba yavuye ku burongozi bwayo bwoba butakibaho, kuko uwuyirongoye atawuzi igihugu agezemwo, nk’uko vyemezwa n’abakozi biwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • ninkayo maradio yivyaduka atawumeny niyo azananye.nizari zihasanzwe zabwira amakuru yukuri abarundi yukuri zarugaw ahubwo iyoyo iyo babomora numushinge waho ikorera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.