Ibihano vyari vyafatiwe abategetsi bane b’Abarundi vyagumijweho

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 23 Gitugutu 2017 saa 03:22
Yasomwe : 39069
0 0

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’ukugumizako ibihano iryo shirahamwe ryari ryafatiye abategetsi bane b’Abarundi, harimwo babiri bo muri Reta y’Uburundi. Abo bagumijweko ibihano mu kindi kiringo c’umwaka umwe bagirizwa ko bafise uruhara mu ntureka za poritike ziri mu Burundi.

Abo bagumijweko ibihano vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ni Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, Général Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika, Mathias Joseph Niyonzima batazira Kazungu, hamwe na Général Leonard Ngendakumana yigeze kuba ari somambike w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba yikekwa ko ari mu bagerageje gutembaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Ivyo bihano bagumijweko vyerekeye kudatembera mu bihugu vya Buraya, hamwe n’ukuzibira amatunga yabo ku mugabane wa Buraya, kuko bagirizwa ko ibikorwa vy’abo vyageramiye intwaro rusangi mu Burundi, canke vyabereye intambamyi igikorwa c’ukurondera gutorera inyishu iciye mu biganiro, mu bibazo vya poritike biri mu Burundi.

JPEG - 19.5 ko
Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, umwe mu bagumijweko ibihano

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’ukubandanya ingingo ryafatiye Uburundi, gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2018.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ritewe umutima uhagaze n’amakuru abandanya kuvugwa kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 ajanye n’ubwicanyi ndengerabutungane, abantu bahagarikwa bagapfungwa amategeko atubahirijwe, hamwe abantu baburirwa irengero.

Ubumwe bwa Buraya bumenyesha ko kuva hatanguye intureka za poritike mu 2015 atakirahinduka, akaba arico gituma abo bategetsi bane b’Abarundi vyagumijweho mu kindi kiringo c’umwaka umwe.


Kumenyekanisha

1
Kararuza 24-10-2017 à 08:36

DD ntaho muzocarukana CPI,igihe n’iki rero

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha