IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa bitegura ihayanisha JUA KALI/ NGUVU KAZI vyatangujwe

Ibikorwa bitegura ihayanisha JUA KALI/ NGUVU KAZI vyatangujwe

lundi 20 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ivyo bikorwa, umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro hamwe n’ingenzi, Pelate NIYONKURU yamenyesheje ko iryo hayanisha rituma abanyamyuga, n’abashinze amashirahamwe mato mato n’ayisununuye yo muri ako karere ashobora guhurira hamwe kugira yungurane ubumenyi ku bijanye n’ubuhinga.

Pelate NIYONKURU yashikirije kandi ko iryo hayanisha-gurisha rifasha abo banyamyuga kubugururira imbibe kugira baje kurondera amasoko y’ivyo bahinguye, bigatuma batera imbere muvyo bakora.

Uwo mushikiranganji yashikirije kandi ko iryo huriro rifasha ibihugu vyo muri ako karere bironkeraho akaryo ko kwiyumvira no gukoresha ubuhinga bushasha butuma umwimbu urwira, ndetse ukarushirizaho kuba mwiza kugira uhiganwe n’uwo mu bindi bihugu bigize ako karere.

Nk’uko uwo mushikiranganji yabandanije abivuga, iryo hayanisha rirafasha kugira amasoko yuguruke, akazi kakiyongera, amafaranga y’agaciro akinjira mu gihugu bigafasha urudandazwa njabukamazi gukomera.

Iryo hayanisha-gurisha ry’akarere ka Afirika y’Ubuseruko ryitiriwe "JUA KALI /NGUVU KAZI" ryatanguye mu mwaka w’i 1999 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, rikazoba rigize ihayanisha rya kabiri ry’urwo rwego Uburundi bwakiriye, inyuma y’iryo bwakiriye mu mwaka wa 2012. Uwu mwaka rikazotangura kw’igenekerezo rya 4 gushika kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2017.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.