IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’ugusigura ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro vyatangujwe

Ibikorwa vy’ugusigura ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro vyatangujwe

mardi 12 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ivyo bikorwa vyitabwe n’abategetsi nka bose ba Reta y’Uburundi, umukuru w’inama nshingamateka, umukuru w’inama nkenguzamateka, umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA, abajejwe intwaro ku nzego z’intara n’ama komine, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi (Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubushinwa, Ububirigi, Ubufaransa), abaserukira amadini, hamwe n’abanyeporitike batandukanye.

Muri abo banyeporitike ariko bitavye ivyo bikorwa, tubamenyeshe ko RWASA Agathon, umukuru w’urunani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI atarimwo.

Aho mu ntara ya Gitega, bitegekanijwe ko ijambo nyamukuru ry’ukwugurura ivyo bikorwa rishikirizwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, akaba ari nawe aca ashikiriza zimwe mu ngingo zahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro. Ibiri muri iryo jambo turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Reta y’Uburundi imenyesha inyuma y’ukwugurura ivyo bikorwa, Abarundi bazoca batangura gusigurirwa ingingo zikwiye guhinyanyurwa. Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi :

"Muri iyo minsi ya vuba cane, hagiye gutanguzwa isekeza ry’ukumenyesha n’ugusigurira abenegihugu ingingo zikwiye guhinduka mw’ibwirizwa shingiro rihasanzwe, kugira haboneke ibwirizwa shingiro riza rikomeza ubwo bwigenge bushingiye ku butungane, Demokarasi, ukwubahiriza ukwishira n’ukwizana n’agateka ka muntu, ubumwe n’ugushigikirana."

Tubamenyeshe ko iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha izoshikirizwa Abarundi kugira bayemeze canke bayihakane (Référendum).

Reta y’Uburundi itera akamo abantu bose kuzokwitaba ico gikorwa, kuko kubwa Reta, ari intambwe ihambaye y’amatora Uburundi bwimirije.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.