IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibimenyeshamakuru bitarashira umukono ku masezerano na CNC vyagabishijwe

Ibimenyeshamakuru bitarashira umukono ku masezerano na CNC vyagabishijwe

mercredi 21 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA, icegera akaba n’umuvugizi w’urwego CNC yibukije ko ishirwako ry’umukono ku masezerano hagati y’ibimenyeshamakuru na CNC ari ntirengangizwa ku bakorera mu Burundi. Abataremeza ayo masezerano bamenyeshejwe ko bashobora gufatwa nk’abakora batubahiriza amategeko abagenga.

"Ibimenyeshamakuru vyigenga n’ibitigenga bitarashirako umukono kuri ayo masezerano, birasabwe kubikora imbere y’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017.", uko niko umuvugizi wa CNC yashikirije, akagabisha ko abazobirengako bazohanwa hisunzwe amategeko ari mw’itegeko rigenga ibimenyeshamakuru mu Burundi.

JPEG - 708.8 ko
Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA, icegera akaba n’umuvugizi w’urwego CNC

Amasezerano hagati y’ibimenyeshamakuru na CNC asaba abakora umwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi, gushikiriza urwo rwego ibikorwa vyabo, hamwe n’integuro y’ivyo barangura.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.