IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’amagufa vyatowe mu ntara ya Muramvya

Ibisigarira vy’amagufa vyatowe mu ntara ya Muramvya

jeudi 8 Nyakanga 2016, par Jean De Dieu

Ibisigarira vy’amagufa menshi y’abantu vyatowe kuri uyu wa gatatu mu mirima y’abanyagihugu iri ku mutumba Gatebe zone Bugarama mu ntara ya Muramvya.
Ayo magufa biboneka ko yoba amaze igihe kinini, yabonywe n’abanyagihugu bo kuri uwo mutumba maze baca bahamagara abajejwe intwaro.

Buramatari w’intara ya Muramvya Emmanuel Niyungeko yabwiye abamenyeshamakuru ko amatohoza agiye gutangura kugira hamenyekane abishwe abo ari bo, ingene bangana, n’igihe vyabereyeko. Uriko uragendagenda muri uwo murima urabona ko hari amagufa ndetse urabona kandi ko hariho n’impuzu z’abantu biboneka ko bari bazambaye baraheza bahambwa mu buryo budahesha icubahiro umuntu. Rero biraboneka ko bashobora kuba ari abantu benshi boba barahambwe mu gihe tutaramenya neza kumbure kizomenyekana ababijejwe bamaze gufata igikorwa muntoke ’, ukwo niko Niyungeko yabwiye abamenyeshamakuru.

JPEG - 32.6 ko
Yusufu Ndayishimiye yibaza ko muri ivyo bisigarira harimwo ayo umuhungu wiwe yishwe mu 1994

Ndayishimiye Yusufu, umutama w’imyaka 61 avuga ko muri ico kibanza hiciwe abantu batari bake inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye.
’ Muri kahise, duhereye mu 1994, hari abantu bakurwa mu miduga n’abasirikare ba reta bakabicira ngaha. Mbere harimwo n’umuhungu wanje. Ico gihe abo basirikare bamukuye muhira bamwicira aha nyene na bavyaranje. Uwo bahura bariko barakizura baca bamutwara ’, ukwo nikwo uwo mutama abisigura.

Muri ico gikorwa co kuzura ivyo bisigazwa vy’amagufa, nk’uko tubikesha BBC, buramatari w’intara ya Muramvya yari yaherekejwe n’abaserukira umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR hamwe n’abo mu mugwi w’igihugu wigenga ujejwe ivy’agateka ka zina muntu.

Emmanuel Niyungeko akaba yategetse ko ata gikorwa na kimwe kizosubira kurangurirwa muri iyo mirima gushika amatohoza arangiye.


IGIHE

Messages

  • Ibi vyose n’ingaruka z’ubutegetsi bubi, mukanya muravyegeka k’u Rwanda,pauvre DD

  • We Wiyita Musaga "Stupid You Are" kowumvise Bishwe Nabasoda Babuyoya Wumva Ari Bamw Wirirwuratuka?Erega Abatutsi Mwanyoy Amaraso Kuva Kera!Mana Tugarukire.

  • MUHIGE NO MUNTARA YA GITEGA IYO BAJANA BA SOKURU BINCABWENGE TUTIBAGIWE NA SE WA NYENICUBAHIRO UMUKURU WIGIHUGU PETERO NKURUNZIZA BABATWARA MUMODOKA ZIGISODA NGO BABAJANA MUNAMA BANYOKURU IJISHO RIKABIRYO

  • Mbese ikiciyita Musaga gifise ubwenge canke....? Wewe wofata ikintu ukavuga ko cakozwe numintu ataribwavuke? Twebwe ntidushobora kubeshi kuko twariyemeje kwinjira muburundi bushasha vyukuri apana vyabindi vyokurenzako ubuturiko turitegirira kwigisha abarundi ko kivuga ababiyabaye muburundi murikahise ko nubwoyoba bakozwe nabatutsi bayakorera abahutu kobitabavyitwa kobiharurwa kurababatutsi tubona uyumusi akahise turakwiye kugatahura kokaba arakahise kandi tukavyigisha nomimashire. Nuwo Kagame wawe ivyoyakoreye uburundi nabarundi nubwoyoba akiriho canke yarashengeye, nubwoyoba akiri ukwari ubu canke yarakiriye Yezu agatahurako umubanyi ariwe muryango tuzovyigirahamwe abana tubabwire komimyaka ya 2015 na 2016 Kagame yatubaniye nabi kugezanaho ubuzimabwabeshi buhasigara.

  • @Dutabare!am not stupid,shame on you ,may be i remind you what you or your uncles including Nkurunziza did when you killed innocents peoples

  • Mbendabaza sattelite icogihe vyaba ntizakora? Canke nimbazarakora ntibodushirara ahabona arabikora?
    Mbega ONU ntiyaribwabeho nimbayariho kwitakwakwanije bwirungike aba polisi mpuzabakingu murikiryagihe hagandagurwa NDADAYE kandi urusasu rwariko ruvuza ubuhuha rwica abarundi?
    Harihaho umuntu avyiyumvira bagasanga bimusiga mubwenge! Nkubu mu Rwanda abantu sukwica nibara ariko sattalitte womengo ntiziriko zirakora none tuvyitengwiki? Rekadukoneze tubironderere izina tuzoritangaza mumisi irimbere .

  • Je murantwenza mubwira nabi Musaga, none Ntega na Marangara si Abahutu bishe Abatutsi ko mutasavye amatohoza?ko Peter amaze 10ans kubutegetsi hakozwe iki?

  • AYOMAGUFA ARI KUGATWE KA MAJOR PETERO BUYOBE NA BIKOMAGU.IVYANTEGA NA MARANGARA NTAWUNDI YARASHABAHUTU NINDEGE ATARUWOBUYOBE NYENE.EMWE AYOMAZINA YA PETERO NAYABAKOZI BA SATANI,NKUKO YEZU YISE PETERO KWARI SHETANI.KUKO NTAPEREZIDA NUMWE YITWA PETERO YIGEZE AKORERA UBURUNDI NABARUNDI NEZA.ATARUGUSAHURA NUKWICA GUSA.

  • murondere namagufa yabiciwe mukanazi bishwe nabanyeshuri bafatanije nabasoda hariya murusengo

  • AMAHORO,NIMBABAZI VYIMANA,BIBE KUMUNTU WESE YAGIZE ICO AKORO GITANDUKANYE NIVYO UWUHORAHO AGOMBA AMEN. IVYABAYE TUBIHARIRANIRE KUKO SUBWOKO BUBIKORA NIKAMEREMERE KABI KARI MURITWEBWE KABITWOSHA.MUSABIRANIRE IHEREZO RYIZA MUHINDUKE,MUSABIRE NEZA ABATWARE KUKO MUBIGAZA VYA YUZU HARI IVYIZA VYISHI BIBARINDIRIYE

  • Eka kabisa abatwaye igihugu cuburundi bitwa PETERO BAFISE BAROTO KWICA NUGUSAHURA
    Dukeneye Umukur wigihugu azokwirikira azobe adafise iryo zina ryasatani kandi Abe atigeze Kuba ari Umusirikare nagato

  • Amatohoza nabe.Muga Muraba n’ahandi.Nagira ndabarangire ahandi biciye abantu barenga Ijana.Baca babahamba muri Fosse Commune n’abene gihugu bacitse Kwicumu kuko babonye Karivyo Vyoborohera Mukubahamba.Abo bantu Bari murubanza.Ubwo Sububeshi kuko n’umuryango Wanje Niho Wahoneye.Namba hariho Icokorwa Terefona"61226130"Nitwa Safari J.Marie.Bishwe Kuntwaro Ya Buyoya,bakaba Bagandaguwe n’abo bita".Sans échecs".

  • Urakoze musore urazi abatutsi babanyarwanda biciwe muri ntega marangara niyo mihimbire yintagondwa zabahutu!!!nakumiro gusa

  • kwica ndadaye kwari kwivuna umwansi kuko yaratangiye gukorana na habyarimana mugikorwa co kwica abatutsi bari mubutundi no mugwanda mumenye histoir yico gihe 1993-1994 hakurikiyeho ntaryamira nawe ashaka gusohoza ibyo ndadaye yapfuye adakoze nawe yongera gufatanya na habyarimana indege yamujyanye harusha arikumwe na bikomagu siyo yagarutsemwo ahubwo yagiye mundege ya habyarimana kugirango agere ikigali bapange umupango wabo neza wo kwica abatutsi Bose bari muburundi no murwanda
    natwe turabaza abatutsi bishwe ntega na marangara barihe? barabazwa nde? abishwe namicombero akoresheje indege barihehe? abagiye baturirigwa mumamodoka nabandi bagiye basangwa mumazu yabo nibitero bya CNDD 2005 bakicwa tubabaze inde?
    mureke kubeshya abantu kuko ntamuhutu uzongera gukora ihonyabwoko tumukundire never again tuzomuhasha ataragera kumugambi wiwe
    stupid Hutu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.