IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’amagufa y’abantu vyatowe i Mwaro bigiye guhambanwa (...)

Ibisigarira vy’amagufa y’abantu vyatowe i Mwaro bigiye guhambanwa iteka

jeudi 23 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi CVR yamenyesheje ko ibisigarira vy’abantu batowe amagufa mu kinogo kimwe mu ntara ya Mwaro bagiye guhambanwa iteka. Muri CVR bavuga ko ico gikorwa c’ukubashingura kizoba kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2017.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Musenyeri NAHIMANA yashikirije ko umurwi CVR uzoja muri komine Rusaka mu ntara ya Mwaro, kugira wakire ibisigarira vy’abantu vyahatowe, bishinguranwe iteka mu buryo bubereye kandi bushobora kuremesha n’imiryango y’abo bantu bahambwe mu kinogo kimwe.

Amagufa y’abantu bahambwe mu kinogo kimwe yatowe kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2017 mu ntara ya Mwaro, muri komine Rusaka.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bamenyesha ko ayo magufa yatowe mu kibanza cariko cubakwamwo inzu.

Abagereye ahatowe ayo magufa nabo bakaba bamenyesheje ko bigoye kumenya igihe abo bantu bahambwe muri ico kinogo, abaribo hamwe n’ingene bangana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.