Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV vyashinguranywe iteka mu gihugu c’Ubuswise

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 Ruheshi 2017 saa 02:07
Yasomwe : 11124
0 0

Ibisigarira vy’umwami w’Uburundi Mwambutsa IV vyashinguranywe iteka mw’itongo ry’abapfuye ry’i Meyrin, mu gihugu c’Ubuswise kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017.

Ibirori vyo gushingurana iteka umwami Mwambutsa IV vyatanguriye kw’ishengero ry’i Cluse.

Ingingo yo gusubira gushingura ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV yafashwe na Sentare y’igihugu c’Ubuswise ,yisunze ko umwami Mwambutsa IV yasize atanze itegeko ryo kudasubizwa mu gihugu yatwaye ,akakivako kubera indyane ziri hagati y’amoko.

Ikibanza coshingurwamwo umwami Mwambutsa IV cateye impari,kuko mu muryango bose batabona kumwe ibijanye n’igihugu yoshingurwamwo.

Mu mwaka wa 2012 ,umukobwa mukuru w’umwami Rosa Paula Iribagiza yashigikiye ko ibisigarira vya se vyozanwa mu Burundi kugira bishingurweho avuga ko vyofasha kugira abarundi basubize hamwe,ariko ku rundi ruhande mwishwa w’umwami Esther KAMATARI avuga ko umwami aguma ashinguwe mu Buswise kubera yasize avyisabiye.

Umwami Mwambutsa IV yabaye umwami w’Uburundi imyaka 51 ku ntwaro y’abadagi n’ababiligi ,imbere y’uko ahungira i Genve mu gihugu c’Ubuswise mu mwaka w’1967.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha