Ibitaro "Hôpital Prince Régent Charles" vyahawe umuyobozi mushasha

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 14 juin 2017 saa 02:40
Yasomwe : 12978
0 0

Ibitaro bikuru vyitiriwe umwami Regent Charles vy’i Bujumbura (Hôpital Prince Régent Charles) vyahawe umuyobozi mushasha, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/120 ryo kuri uwu wa 13 Ruheshi 2017 rigena bamwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Docteur Christine Nina NIYONSAVYE yahora ariwe muyobozi mukuru wa Hôpital Prince Régent Charles kuva mu kwezi kwa Mukakaro 2016 yasubirijwe na Docteur Inès Roselyne NDUWIMANA. Uwo yahora arongoye ivyo bitaro aheruka kugirwa umuserukizi adasanzwe (Ambassadeur Extraordinaire et Plénipotentiaire), akaba kandi ari ku rutonde rw’abantu bane bemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2017, kugira bazorungikwe guserukira Uburundi mu makungu, ariko ibihugu bazorungikwamwo ntibiramenyekana.

JPEG - 37.6 ko
Docteur Christine Nina NIYONSAVYE yahora arongoye ibitaro vyitiriwe umuganwa Regent Charles

Umukuru w’igihugu yagenye kandi Docteur Dionis NIZIGIYIMANA, umuyobozi ajejwe ubushakashatsi mw’ishure INSP (Institut National de Santé Publique), Docteur Oscar NTIRANYIBAGIRA umuyobozi w’intara y’ubuvuzi ya Makamba, hamwe na Docteur Diomède NDAYISENGA umuyobozi ajejwe ibikorwa hamwe n’imigambi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’ukurwanya ikiza SIDA.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha