Ibitaro vy’igiporisi c’Uburundi "HPNB" vyaronkejwe imfashanyo na Misiri

Yanditswe na Bikorimana Vianney
Kuya 18 April 2018 saa 01:20
15810
0 0

Ibitaro vy’igiporisi c’Uburundi HPNB (Hopital de la Police Nationale du Burundi) vyaronkejwe n’igihugu ca Misiri imfashanyo igizwe n’ibikoresho bipima ingwara y’amafyigo hamwe n’icuma gikoreshwa mu kuyungurura amazi.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu Alain Aimé NYAMITWE yamenyesheje ko ivyo bikoresho vyatanzwe bizofasha abahora baja kwivuza hanze y’igihugu ingwara y’amafyigo kuzokwivuriza hano mu gihugu ku giciro kitavuna.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Misiri Sameh Shoukry yashikirije iyo mfashanyo yamenyesheje ko igihugu ciwe kizobandanya gifata mu mugongo ivyo bitaro kandi ko kizoronsa inyigisho abakozi kugira bizoborohere gukoresha ivyo bikoresho.

Mwomenya ko ibikoresho nk’ivyo vyatanzwe no ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, vyose hamwe bikaba bifise agaciro k’imiriyoni 2,5 z’amafaranga yo mu Misiri.


Kumenyekanisha

1
hatungimana 18-04-2018 à 13:41

good one.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha