Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibizorangurwa na Li YUANCHAO mu rugendo ajemwo mu Burundi
Ibizorangurwa na Li YUANCHAO mu rugendo ajemwo mu Burundi
mardi 9 Rusama 2017, par
Zhuo Ruisheng, aserukira Ubushinwa mu Burundi avuga ko urwo rugendo ari urwo gushira mu ngiro ivyumvikanwe n’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa, mu nama yabereye mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’epfo, mu kwezi kwa Kigarama 2015, ku bijanye n’imigenderanire hagati ya Afrika y’Ubushinwa.
Urwo rugendo ni urwo gukomeza kandi ubucuti bwamyeho hagati y’Uburundi n’Ubushinwa, kugira bushike ku rugero rwo hejuru, nk’uko vyashikirijwe na Zhuo Ruisheng aserukira Ubushinwa mu Burundi.
Muri urwo rugendo rw’iminsi ibiri mu Burundi, icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa azokwakirwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, yongere agiranire imibonano hamwe n’ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston SINDIMWO hamwe na Joseph BUTORE.
YUANCHAO azogendera kandi inyubakwa ziriko zikurikiranwa n’Ubushinwa, hamwe n’izimaze guhera ariko zubatswe n’ico gihugu. Mu bibanza azogendera, twobabwira ahariko hubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu, inyubakwa ikoreramwo ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, hamwe n’inyubakwa zikorera ishure ry’imyuga ryo mu Kigobe zubatswe n’Ubushinwa.
Imigenderanire hamwe n’ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ubushinwa yifashe neza nk’uko bivugwa n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, iyo nayo ikaba ibonekera mu bikorwa bitandukanye birangurwa n’Ubushinwa mu Burundi, yaba mu gisata c’amagara y’abantu, inyigisho, uburimyi, inkino, hamwe imfashanyo z’imfungurwa zitangwa n’Ubushinwa.
Nirwo rugendo rwa mbere rukozwe n’umutegetsi akomeye w’Ubushinwa, kuva imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi inaguye, kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 1963, inyuma y’umwaka umwe gusa Uburundi buronse intahe y’ukwikukira.
NDUWIMANA
Messages
9 Rusama 2017, 11:26, par Nibanyugwe
Ntawankwana Bose
9 Rusama 2017, 13:11, par DD Maskini
Aje kwishuza aya Buruguri baduhaye
9 Rusama 2017, 13:38, par Uwitonda Paster
Ibihugu Vyaburaya Vyaduhevye Vyibaza Ngo Tuzocadupfa.Ntacotuzoba Abandi Baratubona.Tuzobaho!!
9 Rusama 2017, 13:55, par tororo
Aje kubahendesha wamuceri bakora mumashashe mbe igihugu cubushinwa kibonna ariyihe nyungu kizokura mumaraso yabarundi ahubwo iyoyaba arabo nbwira baribakwiye kwitonda kuko Ngo buraca bugacana ayandi
9 Rusama 2017, 17:24, par NAHIMANA REMY
Karibu nyakubahwa kuko abashinwa batameze nk’ababirigi(belges) bashaka akajagari mu gihugu gitekanye.
9 Rusama 2017, 17:30, par Mediator
Kaze bashitsi iwacu abarota ngo ntamahoro ahari muze mubatubwirira! Ariko uburundi amoko yose yiberey mu nzego zoose abagarariji gusa nibo baciye bahunga bavuga ngo hako bicarana n, ayandi moko ngo bopfuma bihungira ngo nakare twarabateshej guturira abantu mumapine. None ubwoko baharanira bwitwa gute? Ko twese twibereye munzego z,igihugu!!?? Shame on you
9 Rusama 2017, 18:02, par Richal.Gi
Uwomutegetsi Turamukeje Numvabariko Barafasha Vyishi Uburundi Nibaze Ninomuruyigi Batwubakire Inyubakwa Zakarorero Batandukanye Nababanyaburaya Bahigitiriwe Nazantwaro Zashirwaho Namakudeta
9 Rusama 2017, 18:03, par Richal.Gi
Uwomutegetsi Turamukeje Numvabariko Barafasha Vyishi Uburundi Nibaze Ninomuruyigi Batwubakire Inyubakwa Zakarorero Batandukanye Nababanyaburaya Bahigitiriwe Nazantwaro Zashirwaho Namakudeta Oke
9 Rusama 2017, 18:14, par Mwumba
Niba n’abashinwa biba muri Africa 50 % natwe tugasigarana 50 % . Abanyaburaya bo baba bashaka ngo batware 95 % hanyuma twa dusigarane 5 % . Vive Nkurunziza . vive la chine....
9 Rusama 2017, 18:25, par bizimanaphilbert
karibu. muje tubanyotewe.turindiriye uburusia nabwo ko bushika.reta nayo niyigore imwicarike kufarasi yera kuko baraduteyiteka.
9 Rusama 2017, 20:40, par BARutwanayo
ARAKAZANEZA Muburundi agire ico afasha twebwe abarundi