Ibwirizwa rishasha rijanye n’isuku n’isukura ry’Uburundi ryatowe n’abashingamateka

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 17 Ntwarante 2018 saa 12:21
17940
0 0

Ibwirizwa rishasha rijanye n’isuku n’isukura ry’Uburundi rifise ihangiro nyamukuru ryo guteza imbere ubuzima bwiza bw’umunyagihugu hamwe n’ugutanguza gutahura ingorane zijanye n’isuku hamwe no gukemura ibibazo bijanye naryo.

Ivyo nivyo umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ugukinga ikiza ruhonyanganda SIDA, Muganga Josiane NIJIMBERE yabanje kumenyesha mu Nama Nshingamateka nk’imvo nyamukuru z’integuro y’ibwirizwa rijanye n’isuku n’isukura ry’Uburundi, imbere y’uko abashingamateka baryemeza kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yamenyesheje ko iyo nteguro iri mw’ihangiro ya Reta hamwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe no gukinga ikiza ruhonyanganda SIDA mu kumenyesha mu banyagihugu amategeko ajanye n’isuku ry’aho baba, aho baca, ivyo bafungura, ryo mu mahinguriro n’ibindi.

JPEG - 73 ko
Muganga Josiane NIJIMBERE, Umushikiranganji w’amagara y’abantu

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yamenyesheje kandi ko, iyo nteguro ifise ihangiro ryo gukinga Ibiza ku bana hamwe n’abakuze aho yongeyeko ashikiriza ko iryo bwirizwa rijanye n’amategeko y’isuku y’ishirashamwe mpuzamakungu OMS ryo mu mwaka wa 2005 rijanye no gukinga irwirirana ry’ingwara n’ivyaduka kw’isi hamwe no kuvyikingira munzira zose zishoboka.

Mu ntumbero yo gukemura ibibazo vy’indwara n’ivyaduka, umumujshikiranganji amenyesha ko ingingo ruhasha zateguwe mu bijanye n’isuku n’isukura ry’igihugu kuko ico kibazo kitagenga ubushikiranganji arongoye gusa ahubwo ko hari n’ubundi bushikiranganji bakorana mu ntumbero yo gukemura ico kibazo.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE, amenyesha kandi ama “antennes” y’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru, inganda, imirima canke amahinguriro y’imiti bizigizwa kure y’uburaro bw’abanyagihugu, ko n’ibitungwa bigendana n’abantu nk’imbwa bizokwirikiranywa ku rundi rugero.


Kumenyekanisha

1
JEAN MARIE 17-03-2018 à 21:17

IGISAGARA KIRANGWANISUKU

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha