Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Icegeranyo ca ONU kivuga ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi
Yanditswe taliki ya 21-09-2016 - isaha 10:15' na IGIHE

Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.

Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.

Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016. Abo bahinga bamenyesha ko muri ico kiringo bamenye ko abantu bagera ku 564 aribo bishwe, bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.

Tubamenyeshe kandi ko abo bahinga basavye inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ko yokwiga namba Uburundi bwogumizwa muri urwo rwego. Mu myaka cumi iheze hashizweho iyo nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, ribaye irya mbere aho kimwe mu bisata vya ONU gisabira igihugu gukurwa muri iyo nama.

Reta y’uburundi imenyesha ko yatangajwe n’uko inyishu yatanze ku cegeranyo c’abahinga baje kugira amatohoza kw’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu zitashizwe muri ico cegeranyo. Uburundi buvuga koi co cegeranyo cuzuyemwo ububeshi.

Willy Nyamitwe, umuyobozi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko Uburundi butemera ibiri muri ico cegeranyo.
Agira ati : “Wewe wofata gute umuntu yaje kugira amatohoza, atagira ayo matohoza ahubwo aca yisunga ivyo yabwiwe n’abantu ngo bamwe bamwe bo ngaha mu Burundi, abandi ngo bagiye kubasanga mu Rwanda, abandi mu Buganda. Murumva rero ko ivyo abantu bababwira bidashobora kuba ibintu vy’ifatiro kugira ngo ugire icegeranyo cumvikana."

Willy Nyamitwe avuga kandi ati : "Abarasa mu makaritiye barazwi, abica abantu bagata ibiziga vyabo mu mabarabara barazwi, abashatse gutembagaza reta barazwi, abiyemereye bo nyene ku maradiyo no ku mboneshakure ko ari bo batera amagrenade hirya no hino yishe abantu batari bake barazwi. Ariko nta na hamwe muri ico cegeranyo ushobora kubona amazi yabo."

Ivyiyumviro vyanyu

kubera iki onu ishigikira abatutsi .Mu1972 hapfuye abahutu benshi onu yavuze iki President pierre buyoya yishe abahutu banganiki mu1987muntambara yantega namagara onu yakoze

25.09.2016 à 17:28
kazungu fabien

kubera iki onu ishigikira abatutsi .Mu1972 hapfuye abahutu benshi onu yavuze iki President pierre buyoya yishe abahutu banganiki mu1987muntambara yantega namagara onu yakoze

25.09.2016 à 17:27
kazungu fabien

@Nkotanyi wewe nturi inkotanyi uri intozo y’interahamwe,za uravuga ivyo ushaka muga kuri Kagame ntuzosubire,urubahuka igihangange nka nyakubahwa Paul Kagame !ntasoni ?ico muduha ngo ategeke u Burundi

25.09.2016 à 13:56
Fnl

AYO MATOHOZA YA ONU NTABWARIYO UBU ABARUND BIBANIYE EN HARMONIE NTAWANRYA WA NGURA.

24.09.2016 à 14:21
TUYISENGE BERNARD

Wewe wiyita nkotanyi !!stop there ! KAGAME Ntumuzi,kdi naho wamumenya ibyabarundi ni ibyanyu !! Narimwe ntuzo ngere guhirahira kurenga umurongo ! Ntaho tubarizwa mu matiku y’amoko ! Ntimuduheho ! Kwa juna la Yesu.

22.09.2016 à 21:44
DD

Reta Murayirenganya

22.09.2016 à 20:50
Iranzi Venat

Onu yibaza kariyo mana y’uburundi

22.09.2016 à 16:55
Kavuyo

urubyiruko rwabatutsi rwagombye gukora manifestation ikomeye rwamagana iyo ndirimbo genocide ikaba nitunga rya kagame.

22.09.2016 à 13:57
NKOTANYI

Ahubwo Iryoshirahamwe Rya Onu Ntiryigerarivugisha Ukuri Non Bashakakuduha Ibihanovyiki Kand Abakoz Ivyaha Bahar ?

22.09.2016 à 12:31
Niyonzima

Ivyo UN ivuga birazwi ni propagander zingwano kandi mu Burundi ingwano twarayisezereye kuva abeneburundi babonye ivyo ONU na UE vyokoreye Lybia syria babahora petroleum ( igitor0 ) ,Never izo ndura zera ntizizosubira kuduca muryahumye mukuduteranya nta Genocide

22.09.2016 à 09:55
Dkey

Ah !! Ewe, njyewe naho noreba izi coments gusa ! Uca ubona ko mu Burundi hari ikibazo kwali ! Ese mwaririmba mugasenga ! Vyiza, mwarangiza mugakora comparaison y’abishwe mu moko yabo abahutu , abatutsi kweli ? Mu yandi magambo bisigura ko muri kubikora ngo mwihimure.Mana tabara abarundi.

22.09.2016 à 09:05
seba

kamaro murek ivyavugantavyaz.nabavugakoyogwany ntabaz.gusa iconovuga nuko bafatinging batabanj kwiyumvir kubanyagihug bibaza koleta ariyiringoran ?

22.09.2016 à 08:59
buja

Pfamwambaye mutinde muhakane nivyomwiyemereye kwiradio komwiciye umuntu muru SNR ? Muragowe bitebe betebuke tuzobibabaza

22.09.2016 à 05:23
######

Mbe Amissi,
Twebwe abarundi ivyuvuze ntanakimwe bituneze uwuzohanawe canke uwubwiye kwahanganye na USA na ONU sitwebwe barundi niwa Mushoboravyose kubwacu nuyumusi ntituba tukiriho ivyo Mushoboravyose amaze kudukorera nivyishi namba utavyibuka nakazikawe.

21.09.2016 à 23:46
Komeza Gusenga

emwe baivuze bateba kuko izombonerakure zaratumaze

21.09.2016 à 22:13
vivi

mwabanditsi mwe iyo jenoside 72 muririmba izoza bazaniriki ? nkubu muvuga ko hapfuye abahutu none ko muri kirya gihe muri makamba hari hihwe abatutsi bobo wovuga ko bishwe nande ? kubwawe niba uzi ubwicanyi bwagiye buraba ubwo 72 bwiswe genoside murumva genoside zoba nkazingahe ? jewe ukombona ikibazo suko ibwicanyi kanaka twobuha izina kanaka abwo uwa bikoze niyicuze asabe imbabazi uwo yiciye uwiciwe nawe atange imbabazi abikuye kumutima kuko ibindivyose mwiyumvira ntaco nizo tumarira ndabarahiye

21.09.2016 à 21:54
alia

Uwo Mugwi Wa Onu Turawiyamirij Ushaka Gucira Inzira Abansi Bamahoro Kugira Ngobaronkaho Bamenera Baze Kudusahura.Ahubwo Bavuge Ideni Dufitiy Abo Bansi Babazungu Turirihe Usanga Bashakubutare Bazobucukura Twes Dusigay Turibiziga.

21.09.2016 à 20:38
Dutabare

abarunditwaragowe twitoreye rwagasare ndadaye nkurunziza abansi ntibemera onu. iti. demukrasi none irahinduye ishigikiye coud. ibur. uwuguma avuga jenos. rabako yoba ariko arigisha abiba urwanko. kubibaniye neza murwanda n’urudandazwa. kugira ucinyizwe wagirizwa ingengabitekerezo. ya. jenoside biba biheze. ibuka ngabire n’abandi iyo port. ibère. rwanda

21.09.2016 à 20:26
ruhere

Simuburundi Gusa Bahohotegwa Nakongo Yandukiw Imana Ibatabatr,

21.09.2016 à 20:24
ntakarutimana

Simuburundi Gusa Bahohotegwa Nakongo Yandukiw Imana Ibatabatr,

21.09.2016 à 20:22
ntakarutimana
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.