Icegeranyo ca ONU ku Burundi gishikirizwa i Genève kuri uwu wa kabiri

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 19 Nyakanga 2017 saa 01:08
52800
0 0

Inama igira iya 36 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu irabandanya i Genève kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 18 Nyakanga 2017. Kuri uwu wa kabiri niho bitegekanijwe ko muri iyo nama biga ikibazo c’Uburundi.

Mu gisagara ca Genève, impande zose ziriko zirondera abazishigikira, mu gihe ico cegeranyo cokwemezwa, Sentare mpuzamkungu mpanavyaha igashobora kuzoca itanguza amatohoza nyezina ku bugizi bwa nabi bwakozwe mu Burundi mu 2015, hamwe n’imitahe ishobora kuzoca isohorwa imitahe mpuzamakungu ihagarika abagirizwa amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015.

Abahinga ba ONU bakoze ico cegeranyo ku gateka ka zina muntu mu Burundi barashikiriza icegeranyo bakoze, kivuga ko ubwicanyi hamwe n’amabi atandukanye vyakozwe mu Burundi mu 2015.

Uburundi bwiteze ko ico cegeranyo kitokwemezwa, mu gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko CPI yotanguza amatohoza mu Burundi.

Muri iyo nama, Reta y’Uburundi yaserukiwe Martin NIVYABANDI umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Jacques BIGIRIMANA umukuru w’umugambwe FNL, hamwe na Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru wa CNIDH.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yaserukiwe na APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT, hamwe na OLUCOME.


Kumenyekanisha

1
Karikurubu 20-09-2017 à 08:20

Vyiza cane,Igihe kirageze co gukubita intahe mu gahanga CNDD-FDD n’Imbonerakure,murihenda sha muranyeguruka tout,CPI bravoo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha