IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca SOS-TORTURE kivuga abantu batatu bishwe

Icegeranyo ca SOS-TORTURE kivuga abantu batatu bishwe

lundi 17 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu batatu nibo bagandaguwe mu kiringo c’indwi yo kuva kuwa 8 gushika kuwa 16 Ndamukiza 2017, nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS -TORTURE Burundi. Ico cegeranyo kiragaruka ku rupfu rwa Evelyne Nizigiyimana, umukozi wa COOPEC Ngozi yagandaguwe n’umunywanyi w’iryo shirahamwe ry’ukuziganya n’ukuguranana.

Muri SOS-TORTURE Burundi bavuga kandi abantu batanu bahagaritswe muri ico kiringo, hamwe n’abaserukira abandi mu banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi batawe muri yompi, bakaba ubu bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Icegeranyo ca SOS-TORTURE Burundi kinegura ko urwego rw’igendereza ruriko rurivanga mu kibazo kijanye n’ivy’indero, mu guhagarika abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi, baheruka kwandikira umukuru w’igihugu bamusaba ko yohagarika itegeko risubiramwo ingene bazohora bahabwa agafashanyo, kagiye guhinduka ingurane (Prêt-bourse).


IGIHE

Messages

  • Mbega Mwahorahe Abo Banyeshure Mwabatumye Kugumuka Ngo Ntibazohanwa Mbega Igendereza Iyo Ritabafata Bari Gufatwa Nabayobozi Babo? Mwataye Umutwe. Ikindi Murabona Ko Uburyo Mwahora Mutanga Kubica Abantu Kugira Mutyoze Uburundi Bwabahezeko Ninayo Mpamvu Ibitigiri Mwahora Muvuga Vyagabanutse. Ejoho Ntacomuzoronka Muvuga Kababanye.

  • Mbega Mwahorahe Abo Banyeshure Mwabatumye Kugumuka Ngo Ntibazohanwa Mbega Igendereza Iyo Ritabafata Bari Gufatwa Nabayobozi Babo? Mwataye Umutwe. Ikindi Murabona Ko Uburyo Mwahora Mutanga Kubica Abantu Kugira Mutyoze Uburundi Bwabahezeko Ninayo Mpamvu Ibitigiri Mwahora Muvuga Vyagabanutse. Ejoho Ntacomuzoronka Muvuga Kababanye.

  • Bandanya mwegeranya ivyo vyemezo bizotuma ibi binywamaraso bikubitwa intahe mugahanga!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.