Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca SOS-TORTURE kivuga abantu batatu bishwe
Icegeranyo ca SOS-TORTURE kivuga abantu batatu bishwe
lundi 17 Ndamukiza 2017, par
Abantu batatu nibo bagandaguwe mu kiringo c’indwi yo kuva kuwa 8 gushika kuwa 16 Ndamukiza 2017, nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS -TORTURE Burundi. Ico cegeranyo kiragaruka ku rupfu rwa Evelyne Nizigiyimana, umukozi wa COOPEC Ngozi yagandaguwe n’umunywanyi w’iryo shirahamwe ry’ukuziganya n’ukuguranana.
Muri SOS-TORTURE Burundi bavuga kandi abantu batanu bahagaritswe muri ico kiringo, hamwe n’abaserukira abandi mu banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi batawe muri yompi, bakaba ubu bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Icegeranyo ca SOS-TORTURE Burundi kinegura ko urwego rw’igendereza ruriko rurivanga mu kibazo kijanye n’ivy’indero, mu guhagarika abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi, baheruka kwandikira umukuru w’igihugu bamusaba ko yohagarika itegeko risubiramwo ingene bazohora bahabwa agafashanyo, kagiye guhinduka ingurane (Prêt-bourse).
IGIHE
Messages
17 Ndamukiza 2017, 21:23, par Cobla
Mbega Mwahorahe Abo Banyeshure Mwabatumye Kugumuka Ngo Ntibazohanwa Mbega Igendereza Iyo Ritabafata Bari Gufatwa Nabayobozi Babo? Mwataye Umutwe. Ikindi Murabona Ko Uburyo Mwahora Mutanga Kubica Abantu Kugira Mutyoze Uburundi Bwabahezeko Ninayo Mpamvu Ibitigiri Mwahora Muvuga Vyagabanutse. Ejoho Ntacomuzoronka Muvuga Kababanye.

18 Ndamukiza 2017, 04:26, par Wakera
Bandanya mwegeranya ivyo vyemezo bizotuma ibi binywamaraso bikubitwa intahe mugahanga!