Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca SOS-Torture kigaruka ku muntu yarashwe n’abasirikare i (...)
Icegeranyo ca SOS-Torture kigaruka ku muntu yarashwe n’abasirikare i Ngozi
dimanche 25 Ruheshi 2017, par
Muri abo batatu bishwe, ishirahamwe SOS-Torture Burundi rivuga umugabo yarashwe n’abasirikare ko ku kirindiro co muri komine Mwumba, mu ntara ya Cibitoke.
Ico cegeranyo kiravuga kandi abandi bantu babiri bakomerekejwe, umwe muribo akaba yakubiswe n’Imbonerakure za CNDD FDD mu ntara ya Ruyigi, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe SOS-Torture.
Muri ico cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture riragaruka kandi ku bantu bagera kuri 12 bahagaritswe, muribo, abagera kw’icenda bakaba bafatiwe i Matana.

Egide NDUWIMANA
Messages
26 Ruheshi 2017, 10:25, par Njama
MWEBWE MUBISHOYE NIBIKURIKIRANE NAYUBUNDI ABARUNDI NUGUPFA TURABIMENYEREYE