Igihugu c’Ubuswise kigiye kubandanya gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka n’abashingamateka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 Nyakanga 2017 saa 01:19
Yasomwe : 6444
0 0

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yahaye umubonano Joachim Vercan ajejwe imigambi mu biro vyo gufashanya hagati y’Ubuswise n’ayandi makungu, mu karere k’ibiyaga binini, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Nyakanga 2017. Bakaba baganiriye ku ntambwe umugambi wo gukarihiriza ubwenge abashingamateka n’abakenguzamateka mu bijanye no gutunganya amategako ugezeko.

Inyuma y’umubonano n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi,Joachim Vercan yavuze ko igihugu c’Ubuswise kibandanya kwegera abanyagihugu b’Uburundi biciye mu guhanahana ubumenyi hagati y’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Joachim Vercan yavuze ko igihugu c’Ubuswise gifasha ku rugero rwo hejuru mu bisata vy’amatongo, igisata c’amagara y’abantu, igisata co gukarihiriza ubwenge abakozi mu bisata bitandukanye n’ibindi.

Umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’inama nkenguzamateka Gabby Bugaga yavuze ko igihugu c’ubuswise gisanzwe gifitaniye imigenderanire myiza mu bijanye n’ugufashanya n’Uburundi, ari naco gituma ibiro bijejwe gufasha kw’Ubuswise n’ibindi bihugu bizofasha mu bijanye n’iyigwa ry’amategeko mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ,kuko abakenguzamateka n’abashingamateka aribo bafise igikorwa co kwiga bakamenya ingene amategeko yubakwa.

Gabby BUGAGA yamenyesheje ko muri iyo ntumbero ibiro vyo gufashanya hagati y’Ubuswise n’ibindi bihugu bizotanga ubumenyi ku mirwi yamaho mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kuko ariyo yiga ingene amategeko yubatswe.

Umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’Inama nkenguzamateka yavuze kandi ko ibiro vyo gufashanya hagati y’Ubuswise n’ibindi bihugu bizofasha mu gikorwa co gutunganya ubumenyi mu bijanye no kwiga imigambi ya Reta n’ishirwa mu ngiro ryayo.

Joachim Vercan ajejwe imigambi mu biro vyo gufashanya hagati y’Ubuswise n’ayandi makungu, mu karere k’ibiyaga binini ari mu rugendo mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika kurya 12 Nyakanga 2017, akaba yarabonanye n’umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA.


Kumenyekanisha

1
Nsengiyumva Remy 12-09-2017 à 08:55

Nibaze barapfa kubafasha nayubundi ntavyanyu, icomuzi muzi kwica, Nkandikuriyo Reverien ivyo yokora vyonezera abarundi nivyahe?
narindire azobazwe amabi yakoreye abenuburundi, kuva kirimwishamba, nabugingo nubu akibandanya kwihinkumbi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha