IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igikorwa c’ugucukura ubutare bwa Nickel mu Rutana carindiriye icegeranyo (...)

Igikorwa c’ugucukura ubutare bwa Nickel mu Rutana carindiriye icegeranyo c’abashakashatsi

mercredi 11 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Joseph BUTORE icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishikirije kuri uwu wa gatatu, igihe yari yishikiye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, gushikiriza abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ivyaranguwe mu mezi 6 aheze y’umwaka wa 2017 n’ubushikiranganji 12 bwegukira ibiro vyiwe.

Ico kibazo yacishuye mu gihe umwe mu bashingamateka yashatse kumenya ibikorwa vyo gucukura ubutare bwa Nickel mu ntara ya Rutana aho bigeze.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yishuye ko ibikorwa vyo gucukura ubutare bwa Nickel bwo mu ntara ya Rutana bidashobora, kuko ivyegeranyo vy’ubushakashatsi bitaraja ahabona.

JPEG - 67 ko
Joseph BUTORE, Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE amenyesha ko ibiharuro vy’umwimbu muri rusangi uva mu gisata c’ubutare biri mu kigo c’igihugu kijejwe ubutare OBM (Office Burundais des Mines).

Joseph BUTORE yamenyesheje ko uwipfuza kumenya ivyo bitigiri vy’umwimbu w’ubutare bwabonetse mu mwaka wa 2017 yobariza mu kigo ca Reta OBM.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.